IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Amakuru > u Burundi > Gitega : COOPEC yibwe amafaranga imiriyoni 66

Gitega : COOPEC yibwe amafaranga imiriyoni 66

mercredi 1er Ruhuhuma 2017, par Egide NDUWIMANA

COOPEC y’i Gitega (Coopérative d’Épargne et de Crédit) yibwe amafaranga y’abantu bataramenyekana mw’ijoro ryo kuri uwu wa kabiri.

Amakuru atangwa n’ubuyobozi bwa COOPEC Gitega avuga amafaranga y’amarundi agera ku miriyoni mirongo itandatu na zitandatu ariyo amaze kumenyekana ko yibwe n’abasuma, bikavugwa kandi ko abo basuma boba babanje guha ibiyovyabwenge abaporisi hamwe n’abanyezamu barira iyo nyubakwa ya COOPEC Gitega.

Amatohoza yamaze gutangura.

Ubwo busuma bwo muri COOPEC Gitega bubaye inyuma y’amezi ane gusa hibwe ayandi mafaranga arenga gato imiriyoni 11 muri COOPEC i Gihanga, naho nyene abayivye bakaba babanje guha ibiyovyabwenge umuporisi hamwe n’umunyezamu bacunga ahakorera iyo COOPEC.


IGIHE

Messages

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.