IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Amakuru > u Burundi > Gitega : Umuyobozi w’igisata ca Guichet Unique yizeza ko vuba bazotangura (...)

Gitega : Umuyobozi w’igisata ca Guichet Unique yizeza ko vuba bazotangura gutanga impapuro

mercredi 28 février 2018

MISIGARO Ferdinand arongoye igisata Guichet Unique mu ntara ya Gitega, avuga ko kuva ico gisata cuguruwe bagumye bagira ibibazo, kuva ku bijanye no kuriha umuyagankuba, hamwe n’ikibazo c’ubuhinga bwa none internete.

Umuyobozi w’igisata ca Guichet Unique mu ntara ya Gitega, avuga ko kur’uyu wa gatatu igenekerezo rya 28 Ruhuhuma 2018, biteze umurwi w’ubushikiranganji bw’abakozi n’akazi, ari nawo biteze ko uza guheza ikibazo c’ubuhinga bwa none cari gisigaye.

MISIGARO Ferdinand yizeza abarondera izo mpapuro mu ntara ya Gitega, ko mu ndwi ya mbere y’ukwezi kwa Ntwarante, bashobora gutangura kuzironswa, batarinze gufata urugendo baja kuzironderera mu gisagara ca Bujumbura.

Igisata Guichet Unique mu ntara zo hagati mu gihugu, gitanga impauro z’inzira Passport, murekarengane (laisser passer), impapuro zo kugendesha imodoka (permis de conduire) n’izindi zahora zirondererwa mu gisagara ca Bujumbura gusa.

Mu ntara ya Ngozi, igikorwa co gutanga izo mpapuro catangujwe k’umugaragaro kuwa mbere igenekerezo rya 26 Ruhuhuma 2018, n’umushikiranganji w’abakozi n’akazi Felix MPOZERINIGA.


MUGISHA Van Naris

Messages

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.