IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Amakuru > umutekano > Gitega-Mugoboka : Ikiziga c’umugabo catowe mu gihomoka

Gitega-Mugoboka : Ikiziga c’umugabo catowe mu gihomoka

samedi 6 janvier 2018

Amakuru dukesha umukuru wa zone Mungwa, DUSHIME Chrisostome, amenyesha ko ku munsi wa kane igihe abasirikare bari mu gikorwa co gukizura, baca bashikira ku banyagihugu boba bariko banwa inzoga zitemewe n’amategeko hamwe n’urumogi.

Umukuru wa Zone Mungwa, avuga ko abo banyagihugu bamaze kubona ko ari abasirikare, baciye biruka, uwo Elias BATURURIMI aca agwa mu gihomoka kiri hagati y’agacimbiri Mukoni ko ku Mutumba Mugoboka n’agacimbiri Mubanga ko ku mutumba Jimbi, ari naho yoba yarapfiriye.

DUSHIME Chrisostome asaba abanyagihugu ba zone arongoye kuvavanura n’ibinyobwa bitemewe n’amategeko kuko vyonona mu mutwe, akabahamagarira kandi kwijukira ibikorwa kugira bafungure ivyo babiriye akuya.


MUGISHA Van Naris

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.