IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Amakuru > u Burundi > HCR ivuga ko ibitigiri vy’abahunga Uburundi bibandanya kwiyongera

HCR ivuga ko ibitigiri vy’abahunga Uburundi bibandanya kwiyongera

mercredi 24 Rusama 2017, par Egide NDUWIMANA

Iryo shirahamwe rimenyesha ko ababandanya guhunga Uburundi babwira HCR ko batinya ihohoterwa rya kiremwa muntu, hamwe n’ugufatwa ku nguvu. Babar Balosh, umuvugizi wa HCR amenyesha ko umurindi w’abahunga mu Burundi ubandanije kuba uko uri ubu, mu mpera z’uwu mwaka Uburundi bushobora kuja mu kibanza ca gatatu muri Afrika, mu biguhu bifise abanyagihugu bahunze kurusha ahandi.

HCR ivuga ko igihugu ca Tanzaniya arico gifise impunzi z’abarundi nyinshi, kuko muri ico gihugu hari abaharurwa mu bihumbi 249. Urwanda ruza mu kibanza ca kibiri ku mpunzi z’abarundi ibihumbi 84 000, abagera ku bihumbi 45 muri Uganda, hamwe n’ibihumbi 41 muri Repuburika iharanira intwaro rusangi ya Congo.

Ishirahamwe HCR rimenyesha ko uburyo bukenewe kugira izo mpunzi zifashwe mu bihugu zirimwo bwiyongereye buva ku miriyoni 214 z’amadorare, buja ku miriyoni 250. Muri ayo akenewe, Babara Balosh avugira HCR amenyesha ko hamaze kuboneka ibice bibiri gusa kw’ijana, agasaba abasanzwe bafasha iryo shirahamwe ko botanga imfashanyo zihutirwa kuri ivyo bihugu birimwo impunzi z’Abarundi.

Mu kiganiro yahaye abamenyeshamakuru i Genève kuri uwu wa kabiri, Babar Balosh yasavye ibihugu bibanyi vy’Uburundi ko vyobandanya kwakira abahunga umutekano muke uri mu Burundi, ivyo bihugu bigasabwa kandi kutirukana ku nguvu abasanzwe barahunze.

JPEG - 548.5 ko
Babar Beloch, umuvugizi w’ishirahamwe mpuzamakungu HCR riraba ivy’impunzi

Messages

  • nibihungire.natweturinyuma.kubera.badufashe.kunguvu.

  • NIBAZE TUBABISIRE BIGIRE IVYO BAGOMBA.

  • Nivyiza kwongereza imfashanyo yo kubafasha kubimpuzi sivyoroshe, ivyankenera usanga arivyishi, ubuhunzi twarabucimwo muzamukurwa,ubuhunzi turabuzi neza.
    Guhunga nibihungire nabandi barinyuma kuko kataraza karinyuma, naburya abitwa kwarabahuza vyabataye kuwamazi, bahisemwo gushigikira Nkurunziza mubugaba bwiwe bwokutubahiriza amateguko yigihugu!,, kandi niko kumushigikira nivyo, badakozuko rwimpunzi zibenyishi mubihugu vyabo ntacobohanoba.

  • Turaremesheje Abamaze Guhunga Bihangane Kuko Uburundi Ubu bwaramaze Gutabagurika,abogikingiye Nibo Bagitovye Mugusinzikaza Abanyagihugu C’uburundi agatotezo,agacinyizo,kwicwa atacamira. nibindi... uburundi bugez’ahabi ubu "umuhuza mubiganiro yarananiwe yahismwo kubashigikira..."

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.