IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Home > Amakuru > umutekano > Hagiye gutangwa amanota ku mpapuro zitanga uburenganzira bwo kugendesha (...)

Hagiye gutangwa amanota ku mpapuro zitanga uburenganzira bwo kugendesha imiduga

Thursday 28 December 2017, by Jean De Dieu

Umushikiranganji ajejwe umutekano abishikirije mu gihe haciye imisi mike habaye amasanganya atari make himirije umusi mukuru wa Noheri.

Umuntu amanota azoba yaheranye kubera amakosa yakoze mu kutubahiriza amategeko agenga uruja n’uruza mw’ibarabara ,azoca yakwa urupapuro rwiwe rumuha uburenganzira bwo kugendesha umuduga.

CPC Alain Guillaume BUNYONI ashikiriza ko amasanganya atumwa n’imvo nyinshi zitandukanye,murizo avuga izijanye no kudakwirikiza amategeko agenga uruja n’uruza ,amabarabara ameze nabi,hamwe n’imodoka zigendeshwa zidakwije ibikoresho.


Bikorimana Vianney

Forum posts

  • none wewe ko imodokari yiwe yamaze abantu i makamba nabanze akure amanota abamunyoga niba atawuzokingirwa ikibaba kubera ico ari nkuko tubimenyereye

Any message or comments?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.