IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Amakuru > Abakuru b’ibihugu vy’akarere basaba umuhari M23 ugwanya reta ya Congo (...)

Abakuru b’ibihugu vy’akarere basaba umuhari M23 ugwanya reta ya Congo gushira ibirwanisho hasi

dimanche 25 Munyonyo 2012

I Kampala ku mugwa mukuru w’igihugu ca Uganda harabereye inama ku munsi wa gatandatu y’abakuru b’ibihugu vy’akarere k’ibiyaga binini kuvyerekeye ikibazo c’umutekano mu buseruko bwa Congo. Basavye umuhari M23 urwanya reta ya Congo guhagarika intambara ,gushira ibirwanisho hasi no kuva mu gisagara ca Goma mu masaha atarenga 48.

Mu rwandiko bashize ahabona bahejeje inama, abatwara ibihugu vy’akarere k’ibiyaga binini basavye ko umuhari M23 urwanya reta ya Congo wohagarika kuvuga ko ushaka gutembagaza ubutegetsi bwatowe n’abanyagihugu muri Congo. Reta ya Congo nayo ngo yoca yihutira kumviriza no gutorera umuti ibibazo vy’uyo mugwi M23 witwaje inkoho.

Umukuru w’igihugu ca Congo, Joseph Kabila nawe nyene yari yitavye iyo nama yari irongoye n’umukuru w’igihugu ca Uganda Yoweri Kaguta Museveni ari nawe muhuza mu matati yo mu buseruko bwa Congo. Umukuru w’igihugu c’u Rwanda Paul Kagame yicunguje Louise Mushikiwabo, umushikiranganji w’imigenderanire n’ibindi bihugu.
Umushikiranganji wa Uganda ajejwe imigenderanire,

Sam Kutesa yamenyesheje ko n’imiburiburi abagwanyi b’umuhari M23 bategerezwa kwigirwa ku birometero 20 vy’igisagara ca Goma, ari wo mugwa mukuru w’intara ya Kivu y’amaja ruguru. Mukibuka ko igisagara ca Goma cafashwe ku munsi wa kabiri uheze. Aho rero umuhari M23 wasabwe gukura meza mu gisagara ca Goma mu masaha atarenga 48.

Muri Congo hariyo abasirikare b’ishirahamwe mpuzamakungu ONU barenga ibihumbi cumi n’indwi, ngo bategerezwa gucungera aho intambara zizoba zahagaze hagati y’igisagara ca Goma naho abagwanyi b’umuhari M23 bazoba bagiye.


Jeune Afrique

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.