IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Amakuru > u Burundi > Ibikorwa vy’ugusaka bigiye gukorwa no mw’ijoro

Ibikorwa vy’ugusaka bigiye gukorwa no mw’ijoro

mardi 16 Rusama 2017, par Egide NDUWIMANA

Muri Reta y’Uburundi basigura ko iyo ngingo yafashwe kubera ubukozi bw’ikibi bushasha bubandanya kwibonekeza.

"Haribonekeza ubukozi bw’ikibi bushasha buza buravuka, bisaba ko muri ico gitabu hajamwo ingingo nshasha, cane cane mu bijanye n’ugusaka, aho usanga nko ku vyaha bimwe bimwe umutahe w’ugusaka utorindirwa, ndetse n’ugusaka mw’ijoro bikazoba ngombwa.", uko niko Firipo NZOBONARIBA, umuvugizi wa Reta y’Uburundi yabishikirije.

NZOBONARIBA yamenyesheje kandi ko iyo nteguro yemejwe n’inama nshikiranganji irekurira abajejwe amatohoza gusaka no mu mashine "Nyabwonko" bakavanamwo ivyo bakeneye bibafasha mu matohoza barimwo.

Messages

  • Yooooohhh! Abarundi twaza twanyuruzwa rero!Kenshi bamwe muba polisi usanga arabasuma: vyumvikana ko bazoza bariba mumazu mw’ijoro bitwaje ko bariko barasaka. DANGER!!!

    Ariko ntaco iryo tegeko rizomara ikiringo iyi ntwaro mbi izomara. Bref, bizotembagarana!

  • Ubukozi bw’ikibi n’ubwo guhashwa kuko n’akaranda mubantu basanzwe bikeneye ukuaho, ubushomeri, inzara, umwiheburo n’ayandi marushwa atawokwrengagiza kuko bigaragara n’umwana abibona. Gusaka mwijoro hoba n’ingingo mperekeza kugira abikika mukiza bagakora akazi kabo nabi ntibaronke aho bamenera ngo bateze urubwa uwabahaye akazi kuko bihora biboneka ntawuzi ko baheza ngo bahanwe!!!!

  • iyo ninyanduruko yogufata abagore na bigeme kunguvu tuze twabona ishano

  • Ndashigikira caane ingingo yooose yo guhasha ubugizi bwa nabi , ariko mutibagira igihano co gupfa iyo mufashe indyadya yishe canke yagerageje kwica

  • MURUMVANYENE KWIYONGINGO YOZAYOROSHIBINTU MUKAMA JESINZI??

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.