IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Amakuru > u Burundi > Ibikorwa vy’urunani rw’abamenyeshamakuru mu Burundi vyahagaritswe

Ibikorwa vy’urunani rw’abamenyeshamakuru mu Burundi vyahagaritswe

lundi 24 Gitugutu 2016, par Egide NDUWIMANA

Reta y’Uburundi yafashe kuri uwu wa mbere ingingo y’uguhagarika ibikorwa vy’amashirahamwe atanu, harimwo urunani rw’abamenyeshamakuru mu Burundi (UBJ : Union Burundaise des Journalistes).

Ayo mashirahamwe yahagaritswe kuri uwu wa mbere ni :

COSOME : Coalition de la Societe Civile pour le Monitoring des Electorale

CB - CPI : Coalition Burundaise pour la CPI

UBJ : Union Burundaise des Journalistes

Ligue ITEKA

SOS TORTURE BURUNDI

Nk’uko biri mw’itegeko ry’umushikiranganji w’intwaro yo hagati mu gihugu, ayo mashirahamwe yagirijwe ko adakora ivyo yiyemeje igihe yasaba uruhusha rw’ukwemererwa gukora, kandi ko ibikorwa vyayo bihungabanya umutekano w’igihugu.

Iyo ngingo ije ikurikira iyaheruka gufatwa y’uguhagarika amashirahamwe atanu aharanira agateka ka zina muntu ariyo :

APRODH : « Association Burundaise pour la Protection des Droits Humains et des personnes détenues », irongowe na Petero Karaveri MBONIMPA, aheruka guhabwa agashimwe ka "Alison Des Forges 2016"

FORSC : "Forum pour le Renforcement de la Société Civile", irongowe na Vital NSHIMIRIMANA

FOCODE : « Forum pour la Conscience et le Développement », irongowe na Pacifique NININAHAZWE

ACAT : « Action Chrétienne contre l’Abolition de la Torture », irongowe n’umushingwamanza Armel NIYONGERE ari mu bashingwamanza baheruka kwitura sentare mpuzamakungu mpanavyaha, kw’izina ry’imiryango ivuga ko yagandaguriwe abayo, mu bwicanyi ndengerabutungane

RCP : "Réseau des Citoyens Probes"


IGIHE

Messages

  • Mbegantimubonakontamuntunumweakwiyekuvuga,mwaramutoye,uwopita,muzomukurahobitagikunda,nabamwebitwa,abagumyabanga izongingonabonyenezizobagerahobamwiyamiriza.umutekanontuzorekaguhungabana,kuberaharinabawuhungbanyakubwinzara,wanjka,amahwa,urandura,igiticayo,ugitemyekiratoha,kikamera,ayandi,

  • Nubundi suko iyo reta yishizeho yarituye yemera ibikorwa vyayo mashirahamwe mugabo ntiyigeze ahagarika gukora nubu ntagisivya azobandanya akazi kayo kuko ukubaho kumuswi simpuhwe zagaca gusa biragaragara ko iyo reta yicaduka ivyayo vya maze kurangira

  • Murakoze mushikiranganji wacu wintwaro yohagati mugihugu.

  • Mbega muduhagarika ngobikunde kandi dushigikiwe nigihugu gikomeye nku Bubiligi gifise amahera.

  • Uburundi burongowe na bakoroni kabisa!, nubwo biruko, ndusavye urunani rwabamenyesha makuru kutadohoka kumwuga wabo biyemeje, umugabo wukuri yamye abonekera mumagume.izonyankaburundi atako zikora mukubatoteza, burya umwana yakwa niwe akura, amashirahamwe nayo ajejwe gukurikiranira hafi ivyagateka kazina muntu, mukomere kurugamba ubu niho hageze komukora gusuvya kugira umwansi wu burundi azozimangane ubutakigaruka, uburundi burarwemwo amwamahoro numutekano. Gutangaza ndizera yuko kwataco bishobora guhindura nakare mwakora muriko mwiruka inkoho irikumugongo,bamwe murimwebwe baragandaguwe,abandi bararaswa amasoro yarabatobaguye ariko Imana yarabaziganye.Mukomere turinyuma zanyu kugeza ikigikoroni, coguhonya abantu catsindaro hano muburundi kizimanganye ubutazogaruka, Murakoze.

  • futa rwose izo njavyi zikora ivyo zitiyemeje ngo ntiziharanira ivyicaro vya protik kandi protike yarabarenze mumitwe ni bemere ayo mashirahamwe yabo bayite imigambwe tubimenye nimigambwe twosaba reta ko yoshiraho itegeko risigaza imigambwe 4 gusa abarundi twese tukaja muriyo ine mworaba ko akajagari kadahera tukogorora simbabeshe binkunze hozosigara ibiri mukaraba ko tutogorora je ivyo mvuze ndavyise gushira inguvu hamwe twubake igihugu cacu

  • NISAWA NIMIGAMBWE,GIRA IBIRI 2 GUSA AMAHORO ATSIMBATARE

  • @ Tari, kubwivyo uvuze nicogituma twahagurutse ntuhangane nuwowese ashaka kuduteza abo Babiligi kandi wishinga uwutagira inguvu mugakubitirwa hamwe.

  • Ko mutavuga ko ari Kagame wahagaritse ayo mashirahamwe

  • Kobavuga Ng Peter Yugururiy Ices Abana Bingozi Nukuvuga Ko Atazind Ntara Yoj Cake Akunda Intara Avukamwo Mwoshobor Kumubaz Iyonkur Muzob Mukoze

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.