IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Amakuru > u Burundi > Ibinogo rusangi 110 nivyo umurwi CVR wiboneye mu ntara ya Mwaro

Ibinogo rusangi 110 nivyo umurwi CVR wiboneye mu ntara ya Mwaro

vendredi 8 Nyakanga 2017, par Egide NDUWIMANA

Mu gikorwa bakoze kuva kw’igenekerezo rya 9 gushika 29 Myandagaro 2017 mu ntara za Mwaro na Karusi, mu murwi CVR bavuga ko bahamagariye abafise ico bashikiriza kuvyerekeye amabi yabaye murii zo ntara zibiri kuva Uburundi bwikukiye, gushika kw’igenekerezo rya 4 Kigarama 2008.

Mu kiganiro yahaye abamenyeshamakuru kuri uwu wa gatanu, umukuru w’umugwi ujejwe ukuri no kunywanisha abarundi, Musenyeri Jean Louis NAHIMANA yamenyesheje ko ivyo binogo 110 biri mu ntara ya Mwaro atari ivyo vyonyene, kuko n’ibindi bishobora kuboneka kubera abanyagihugu bakibandanya kwitura uwo murwi.

Musenyeri Jean Louis NAHIMANA avuga ko abantu bitavye CVR muri ico kiringo bashoboye gushikiriza ivyo bazi ku mabi yakozwe bangana na 4792 muri izo ntara zibiri za Mwaro na Karusi, abashika 1624 akaba ari abo mu ntara ya Mwaro, nayo abangana 3168 akaba ari abo mu ntara ya Karusi.

JPEG - 158.7 ko
Musenyeri Jean Louis NAHIMANA

Jean Loius NAHIMANA avuga ko ico gikorwa ata myidogo urabamwo, kuko abaserukira abandi babatora mu migwi yose irimwo abajejwe intwaro, abaserukira amadini hamwe n’abari mu mashirahamwe ataharanira inyungu za Poritike.

Muri ico kiganiro, Musenyeri Jean Louis NAHIMANA yasavye abarongozi b’intara ya Mwaro na Karusi gufasha gucungera aho hatowe ivyo binogo vyahambwemwo abantu mu kivunga, kugira ntihagire abagizi ba nabi bozimanganya ivyo vyemezo vy’amabi yakozwe mu Burundi.

Tubibutse ko umugwi ujejwe ukuri no kunywanisha abarundi umaze gukorera mu ntara 4 arizo Ngozi, igisagara ca Bujumbura, Mwaro hamwe na Karusi. Ibikorwa bikurikira vy’uwo murwi bikazobandaniriza mu zindi ntara z’igihugu mu kiringo kitaramenyekana.


Vianney BIKORIMANA

Messages

  • Birazwi yuko ivyo binogo bihambwemwo ab’ejo bundi mu ntureka zo muri 2015 na 2016,izo nzirakarengane zose ziri ku gatwe ka Peter Nkurunziza,CPI nyaragasa nyaragasa

  • @Hicuburundi
    Kubona abantu biyumvira nkawe aribo bacuzuye igihugu biraboneka ko n’aho CPI yoza kwoba ari uguta umwanya kuko abantu nk’amwe mubandanya mukora amabwabwa!
    Ntaho tuva ntaho tuja, abanyegewe n’umugera w’amacakubiri ni benshi cane.

  • Hicuburundi di vrai. Nkurumbi nabambari be barayobya uburari ngo ibyo bakoze byitirirwe abandi. Murabeshya sha muzonyarirwa! Izo nterrahamwe n’imbonerakure zanyu zizabona ibyo interahamwe zo mu rwanda zabonye!

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.