IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Amakuru > u Burundi > Ibisagara vya Ngozi na Gitega vyashizwe mw’ihuriro PALPGL

Ibisagara vya Ngozi na Gitega vyashizwe mw’ihuriro PALPGL

vendredi 17 Munyonyo 2017, par Egide NDUWIMANA

Kuri uwu wa kane igenekerezo rya 16 Munyonyo, harangiye ihuriro rigira gatandatu rihuza abakuru b’ibisagara vyo mu biyaga binini, abaserukira urwaruka n’abaserukira abakenyezi, muvyashitsweko hakaba harimwo ibisagara vya Ngozi na Gitega vyongewemwo ku ruhande rw’Uburundi. Harizwe n’ikibazo c’ubutunzi ukwo bwifashe, ikiringo c’amezi 3 kikaba caratanzwe kugira abanywanyi bose bazobe bahejeje gutanga intererano z’umwaka wa 2017.

Philémon YOGOLELO arongoye ihuriro PALPGL amenyesha ko ari umunezero ntangere kwakira ibindi bisagara.

«Iyinjizwa ry’ibindi bisagara ni intambwe ikomeye izotuma twiyagura tugakora ibintu bikomeye. Twifuza kuzogera aho igihugu cose kigira ibisagara bishika kuri 10 biri mw’ihuriro. Nta nkeka ko bizokunda».

Arongera akavuga ati : « Kuba ihuriro ryacu ririmwo ibihugu vyitwa ko bivuga ururimi rw’igifaransa gusa ntibisigura ko ibindi bihugu dusangiye Tanganyika nka Tanzaniya canke Zambiya bitoja mwihuriro. Umunsi babisavye nta nkeka ko bazokwemeregwa mu gihe bakwije ibisabwa».

Nkurikiye Ramadani, umuhanuzi mukuru w’umukuru w’igisagara ca Bujumbura amenyesha ko Uburundi buzohungukira cane mu bijanye n’imigenderanire n’ibihugu bibanyi.

«Tuzokwunguka gose mu bijanye n’imigenderanire, ubutunzi, na cane cane kubungabunga amahoro n’umutekano arivyo bizotuma tugira iterambere rirama. Mboneyeho n’akaryo ko gusaba cane cane urwaruka n’abakenyezi gukora bishemeye. Hari amashirahamwe akorera mukinyegero ntaje ahabona, tuyasavye kuja ku mugaragaro kugira azoshobore kwungurana ubwenge n’abandi».

Tubamenyeshe ko inama y’umwaka uza wa 2018 izobera mu gisagara ca Rubumbashi mu gihugu ca Repuburika Iharanira Demokarasi ya Kongo mu kwezi kwa Ruhuhuma.


Pacifique BUKURU

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.