IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Amakuru > u Burundi > Abahoze ari abakuru b’igihugu batakaje ibibanza mu nama nkenguzamateka

Abahoze ari abakuru b’igihugu batakaje ibibanza mu nama nkenguzamateka

samedi 16 Kigarama 2017, par Egide NDUWIMANA

Mu nteguro y’ibwirizwa shingiro rishasha, inama nkenguzamateka ivugwa mu ngingo ya 184, aho bavuga ko uwitoza kugira abe umukenguzamateka ategerezwa kuba ari umurundi, akaba akwije imyaka mirongo itatu n’itanu y’amavuka ku munsi w’itora, akaba atakimukumira mu mabanga y’igihugu.

Uwitoza ngo abe umukenguzamateka ategerezwa kuba ataragira icaha gikomeye canke gisanzwe bitegekanywa n’Ibwirizwa rigenga amatora. Ibwirizwa rigenga amatora niryo ritomora kandi ikiringo uwitoza ngo abe umukenguzamateka azoba amaze kuva yagiriye icaha nk’uko bitegekanijwe mu gahimba gahejeje kuvugwa k’iyo ngingo kugira ngo yemererwe kwitoza.

Ingingo ya 185 nayo ivuga ko abagize Inama Nkenguzamateka ari abantu babiri baserukira intara imwimwe batowe n’abaserukira abandi mu makomine agize iyo ntara bo mu moko adasa kandi badatorewe ku rutonde rumwe, hamwe n’abantu batatu bo mu bwoko bw’abatwa.

JPEG - 44.2 ko
Igihugu c’Uburundi gifise abahoze ari abakuru b’igihugu batatu : Major Pierre BUYOYA, Sylvestre NTIBANTUNGANYA, Domitien NDAYIZEYE

Integuro y’ibwirizwa shingiro rishasha ivuga ko mu bagize inama nkenguzamateka hategerezwa kubamwo n’imiburiburi ibice 30% vy’abagore. Ibwirizwa rigenga amatora rirerekana ingene bigenda mu kubishira mu ngiro bikenewe hakongerwamwo abandi kugira ibitigiri bikwire.

Ingingo ya 186 ivuga ko umugwi wigenga ujejwe gutunganya amatora mu gihugu cose usuzuma ko abitoza bakwije ibisabwa n’amategeko. Abitoza bashikirizwa n’imigambwe yabo canke bagashobora kwitoza ku giti cabo.


Egide NDUWIMANA

Messages

  • nukuri nibaje kurya ayo bivye nabandi nabenegihugu barakeneye gukorako kuko bazoba batowe nabanyagihugu

  • Peter we yibaza we ko bitamwerekeye kuko ngo azoba umukuru w,igihugu gushika apfe. Hihihihihiiiiiii
    Eka mbere ngo mu minsi iza azohindura ngo ashiremwo ko abaye umwami Nkurunziza I w, Uburundi.
    Umugore wiw umwamikazi hanyuma abana abaganwa.
    Gutyo ngo nibo bazoza barabisikanya ku butegetsi.
    Tugowe tukiriko.

  • Abo bigeze kuba abarongoye igihugu bafise amafaranga ,ubumenyi hamwe n,abagenzi kurugero mpuz’amakungu rero nibaze bashinge amahinguriro mugihugu , kuko nka Buyoya ibintu atungiye muri Malawi vyerekana ko yagigeye kunyegeza itunga ry’igihugu kwa Bakiri Morozi i Malawi. Turashimye vyukuri abashize mungiro icocipfuzo c’abarundi benshi twari twarasavye ko bova munama Nkenguza mateka, ukuyemwo Honorable Président Ntibantunganya kuko yaratowe n,abanyagihugu. Nibaza hoba paragraphe yerekana uruhara guwahoze arongora Igihugu mugihe yari yaratowe biciye mumatora yabose.

  • Aha bihenze. Gukura amahoze ari abakuru b’igihugu mu nama nkenguzamateka ni ukwihenda. Basanze bigoye kubakoresha kuko ari inararibonye kandi badakenye, baca bibwira ko kubakura mu nama nkenguzamateka bizoca biborohereza. Peter azomenya ko yihenze niyava ku butegetsi. Abavuga ngo azotwara gushika apfe bararyumako. Abarundi si ihanga ryoroshe. Ba sokuru bavuze ngo Uburundi bugona buri maso. N

  • Hewe ngo, ivyari magara vyaragabuwe. Nibagende n’ubundi ntawatoye. Fini la manne qui tombe du ciel.

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.