Icegeranyo ca Ligue Iteka kiragaruka ku bwicanyi bwabereye mu Kayanza

Yanditswe na MUGISHA Van Naris
Kuya 11 Mukakaro 2017 saa 03:43
Yasomwe : 8775
0 0

Ishirahamwe Ligue Iteka rimenyesha ko indwi yo kuva kw’igenekerezo rya 3 gushika kurya 9 Mukakaro 2017,yaranzwe n’ubwicanyi hamwe n’ihagarikwa ridakurikije amategeko.

Icegeranyo c’ishirahamwe Ligue Iteka kiragaruka ku bwicanyi bwabereye ku mutumba Shinya,komine Gatara,mu ntara ya Kayanza,mwijoro ryo kuw’Imana igenekerezo rya 9 Mukakaro 2017 aho umuvugizi w’igiporisi Pierre NKURIKIYE yamenyesheje ko abantu 5 aribo bapfuye,43 barakomereka.

Muri ico cegeranyo gisohoka uko indwi iheze,ishirahamwe Ligue Iteka rimenyesha kandi ko abantu bane bahohotewe,muri abo, babiri bakaba ari abanywanyi b’umugambwe MSD bahohotewe bagirizwa kuba batitavye ibirori vyo guhimbaza imyaka 55 iheze Uburundi bwikukiye.

Ico cegeranyo c’ishirahamwe Ligue Iteka kiragaruka kandi ku biziga vyatowe mu makomine ya Matana na Kayogoro yo mu ntara za Bururi na Makamba,aho gushika ubu hataramenyekana abishe abo bantu batowe ibiziga.

Ligue Iteka rimenyesha ko muri ico kiringo abanywanyi 56 b’imigambwe itavugarumwe na Reta bahagaritswe hadakurikijwe amategeko mu bice bitandukanye vy’igihugu.

Ishirahamwe Ligue Iteka rigatunga urutoki urwaruka rw’umugambwe CNDD-FDD hamwe n’abamwe mu basirikare,abapolisi na bamwe mu bakorerera igendereza,Ligue Iteka rikavuga ko ikibabaje ari uko badahanwa.


Kumenyekanisha

TANGA ICIYUMVIRO

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE

Kumenyekanisha

Kumenyekanisha
Kumenyekanisha

Kumenyekanisha