IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Amakuru > u Burundi > Ico integuro y’ibwirizwa shingiro rishasha ivuga ku bitoza mu kibanza (...)

Ico integuro y’ibwirizwa shingiro rishasha ivuga ku bitoza mu kibanza c’umukuru w’igihugu

jeudi 14 Kigarama 2017, par Egide NDUWIMANA

Nk’uko tubisanga muri iyo nteguro, uwitoza mu mabanga y’Umukuru w’Igihugu ategerezwa, kuba afise uburenganzira bwo gutora nk’uko bitegekanijwe n’Ibwirizwa rigenga amatora, kuba afise gusa ubwenegihugu bw’umurundi yavukanye, kuba akwije imyaka mirongo ine igihe c’amatora, kuba aba mu Burundi igihe yiyandikisha ngo yitoze, kuba ata kimubuza kurangura amabanga y’igihugu n’ayaporitike, kwemeza mu rwandiko ko azokwisunga Ibwirizwa Shingiro n’Amasezerano y’Ubumwe bw’abarundi, kuba atigeze yagira icaha gikomeye canke gisanzwe co mu mategeko rusangi gihanishwa igihano gitegekanywa n’ibwirizwa rigenga amatora.

Iyo nteguro ivuga ko ibwirizwa rigenga amatora ariryo ritomora ikiringo
uwitoza mu kibanza c’Umukuru w’Igihugu azoba amaze kuva ahejeje igihano kugira ngo yemererwe kwitoza.

Abitoza mu kibanza c’Umukuru w’Igihugu bashobora gushikirizwa n’imigambwe yabo canke inani z’imigambwe canke bakitoza ku giti cabo.

Uwushobora kwitoza ku giti ciwe ni uwiyandikisha ngo yitoze amaze n’imiburiburi umwaka umwe atari mu mugambwe n’umwe, akavyerekana biciye mu kutisuka mu ndyane z’imigambwe zihari mu gushikiriza imigambi yiwe ijanye n’amatora.

Uwuri mu barongoye umugambwe ashobora kwitoza ku giti ciwe ari uko harangiye imyaka ibiri akuwe muri ayo mabanga canke atanze imihoho mu mugambwe yari arimwo.

Uwitoza mu kibanza c’Umukuru w’Igihugu nawe ategerezwa guhagarikirwa n’umugwi w’abantu amajana abiri atoye bava mu moko yose n’ibitsina vyose.

Abo bantu bamuhagarikira bategerezwa kuba bakwije ibisabwa abashaka kwitoza mw’ibanga ry’abashingamateka.

Uwushaka kumenya ibiri muri iyo nteguro y;ibwirizwa shingiro, fyonda ngaha INTEGURO Y’IBWIRIZWA NSHINGIRO


Egide NDUWIMANA

Messages

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.