IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Amakuru > u Burundi > Icuka ni kibi mw’ibohero rikuru ryo mu Rumonge

Icuka ni kibi mw’ibohero rikuru ryo mu Rumonge

mercredi 5 Ndamukiza 2017

Abapfungwa bo mw’ibohero rikuru ryo mu Rumonge ku Murembwe bacanyemwo kubera ukutumvikana ku kibazo c’ababaserukira baheruka gushirwaho.

Abapfungwa biyita abo mu migambwe itavuga rumwe n’ubutegetsi bavuga ko ubuyobozi bw’ibohero bwabashiriyeho ababaserukira bakomoka mu mugambwe uri ku butegetsi CNDD FDD, bagasaba ko hotunganwa amatora bakihitiramwo bonyene.

Ubuyobozi bw’ibohero rikuru rya Rumonge baheruka gushiraho abaserukira abapfungwa. Amakuru ava muri iryo bohero avuga ko ku baserukira abandi bagera kuri cumi, ata n’umwe yatowe mu batavuga rumwe n’ubutegetsi.

Kuva aho, ukwinubana kwaciye gutangura, amakuru ava muri iryo bohero akavuga mbere abo baserukira abandi bashizweho baciye basambura akazu (Kiosque) k’umunywanyi wa MSD ari mu barongoye abandi, Nathan NDAYONGEJE, ari navyo vyongereje icuka kibi muri iryo bohero.

Imirwi ibiri yaciye ivuka : Abayoboka ubutegetsi bwa CNDD FDD bashima abo babaserukira, hamwe n’abavuga ko batavuga rumwe n’ubutegetsi basaba ko bokwitorera ababaserukira.

Ubuyobozi bw’ibohero rikuru rya Rumonge bukaba buriko buragerageza kwumvikanisha izo mpande zompi


IGIHE

Messages

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.