IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Amakuru > u Burundi > "Igihugu gitera imbere abanyagihugu bafise amagara meza"

"Igihugu gitera imbere abanyagihugu bafise amagara meza"

lundi 9 Ndamukiza 2018, par Egide NDUWIMANA

Mu kiganiro yahaye abamenyeshamakuru kuri uno wa mbere igenekerezo rya 9 Ndamukiza 2018, umukuru w’ishirahamwe PARCEM Faustin NDIKUMANA yamenyesheje ko umusi mpuzamakungu wahariwe amagara y’abantu kw’isi washitse kuri uwu wa gatandatu mu gihugu hacibonekeza ingwara nyinshi.

Umukuru wa PARCEM yavuze ko iyo abanyagihugu bafise amagara meza bituma igihugu gitera imbere, kuko aribo bakora ibikorwa vy’iterambere.

"Iyo abantu bafise amagara mabi nta mwimbu wiyongera, abantu baba bagwaye aho kuja gukora baja kwivuza kandi amafaranga bokoresheje ibikorwa vy’iterambere baguma bayakoresha mu kuja kwivuza."

JPEG - 107.1 ko
Faustin NDIKUMANA, umukuru w’ishirahamwe PARCEM

Uwo arongoye ishirahamwe PARCEM yamenyesheje ko ibituma amagara y’abantu atamera neza ari ugufungura nabi, isuku rike, ibura ry’amazi meza, indyane za poritike zituma abantu bafatwa n’ingwara zo mu mutwe hamwe n’ihindagurika ry’ibihe.

Faustin NDIKUMANA asaba abajejwe igisata c’amagara y’abantu gukomeza inkingi ijanye n’umugambi w’igihugu werekeye amagara y’abantu, kugenzura neza ingene imigambi ijanye no guteza imbere amagara y’abantu ishirwa mu ngiro, kwihweza ko ata giturire gitangwa mu mpusha zirekurira abantu kwugurura amazu adandaza imiti,hamwe n’ugusuzuma uko imiti yinjira kugira ico gisata kinaguke.

Umusi mpuzamakungu wahariwe amagara y’abantu wama uhimbazwa buri mwaka kw’igenekerezo rya 7 Ndamukiza. Icegeranyo giheruka gushirwa ahabona n’ishirahmwe ry’abaganga batagira imbibe "MSF" cerekanye ko 70 kw’ijana vy’abarundi bashikirije ko ibijanye no kwivuza bizimvye mu Burundi.


Vianney BIKORIMANA

Messages

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.