IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Amakuru > Muri Afrika > Igiporisi casibije ibirori vy’abahuza ibitsina babisangiye muri (...)

Igiporisi casibije ibirori vy’abahuza ibitsina babisangiye muri Uganda

dimanche 25 Nyakanga 2016, par Egide NDUWIMANA

Igiporisi ca Uganda cahagaritse ibirori vy’abagabo bahuza ibitsina babisangiye, ibirori vyari bitegekanijwe kubera ahantu habiri hatandukanye hafi n’umurwa mukuru Kampala, kuri uwu wa gatandatu igenekerezo rya 24 Nyakanga 2016.

Frank Mugisha, umwe mu baharanira uburenganzira bw’abaryamana bahuje ibitsina muri Uganda, yavuze ko abahuza ibitsina babisangiye barenga 100 bagerageje kwitaba ivyo birori vyari kubera i Entebbe ku kiyaga ca Victoria, ariko babuzwa n’igiporisi cabagendeye inyuma mu modoka, ico giporisi gica kiburiza bose muri iyo modoka, basubizwa i Kampala.

Inyuma y’ukwurizwa imiduga y’igiporisi bakabuzwa kwinjira i Entebbe, abo bagabo bahuza ibitsina babisangiye baciye bategura gukorera ivyo birori vyabo mu kandi gace, ariko naho nyene bahashitse bakaba basanze abaporisi bahugarije, basubira kwirukanwa.

Bubaye ubugira kabiri abagabo bahuza ibitsina babisangiye muri Uganda bategura guhurira hamwe mu birori basangira umunezero, ariko abajejwe umutekano bakabatesha. Ku ncuro ya mbere hari mu kwezi kw’umunani uwu mwaka, ico gihe abaporisi bakaba babataye muri yompi bose.

Bimeze gutyo mu gihe hari haheze imyaka ine ibirori nk’ivyo vy’abahuza ibitsina babisangiye bitegurwa, kandi bikaba ata ntambamyi y’abajejwe umutekano ibayeho, nk’uku vyabaye muri uwu mwaka w’2016.


IGIHE

Messages

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.