Accueil > Amakuru > u Burundi > Igiporisi gisabwa kutihanganira abatubahiriza amategeko y’ibarabara
Igiporisi gisabwa kutihanganira abatubahiriza amategeko y’ibarabara
vendredi 8 Nyakanga 2017, par
Muri ubwo bushikiranganji bavuga ko ivyo vyokorwa ku neza y’urwaruka rugiye kwiyunguruza ku bwinshi, rugashobora kubw’ivyo guhura n’amasanganya atandukanye.
Moise NKURUNZIZA, icegera c’umuvugizi w’ubushikiranganji bw’umutekano agira ati : "Vyagiye biragaragara ko mu bihe nk’ibi, mu guhahamira kuronka amafaranga menshi, bamwe bamwe mu bakora umwuga w’ukwunguruza abantu bahonyanga amategeko mu gutwara igitigiri kirenze ico imiduga yabo itegerezwa gutwara, mu kuduza ibiciro bizwi kandi vyumvikanweko n’abega n’ico gisata, mu kugira umuvuduko urenze mbere harimwo no kunyonga imodoka baborewe, ivyo navyo bigatuma amasanganya aba menshi, kanatsinda ko n’ababa bariko bariyunguruza bakoresheje imiduga baba biyongereye."
- Moise NKURUNZIZA, icegera c’umuvugizi w’ubushikiranganji bw’umutekano
Mu bushikiranganji bw’umutekano basaba ko uwuzogira ingorane kubera ayo makosa canke akabona uwunguruza abantu yarenze amategeko, ko yoca abimenyesha igiporisi kimwegereye kugira uwuzoba yabikoze ahanwe vyihuta hisunzwe amategeko.
Ubushikiranganji bw’umutekano buboneraho n’akaryo ko kwibutsa abarabwa n’igikorwa co kwunguruza abantu ko bokurikirana, bagafasha mw’iyubahirizwa ry’amategeko n’amabwirizwa agenga ugutwara abantu mu mabarabara.
Igiporisi naco gisabwe kwongereza inguvu kugira itegeko rigenga uruja n’uruza mu mabarabara ryubahirizwe. Igiporisi gisabwa kandi guhana hisunzwe amategeko uwo wese yokwirengagiza ico amategeko avuga, bigatuma abiyunguruza bahura n’amasanganya.
Mu ngendo zo mu mabarabara, abavyeyi bahamagariwe kuzoza barafasha kujabuka amabarabara ku bana b’abanyeshure bakiri bato.
Egide NDUWIMANA
Messages
8 Nyakanga 2017, 16:01, par nephtalie
Ivyo birumvikana ugerageje kuraba abenshi bshira amafaranga imbere ahogushira imbere ubuzima bw’umuntu.Ariko kuvyo gutwara igitigiri kirenze akenshi n’abacungera igikorwa co kwunguruza abantu usanga babigiramwo uruhara rimwe narimwe mugupfumbatishwa. Mwogerageza mukabikurikirana kugira ubuzima bw’abantu bukingirwe .N’ivyo kwitaba amatelephone kw’aba chauffeur bari kuri volant mwobiraba kuko navyo biratuma amasanganya yibonekeza.Murakoze