IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Amakuru > umutekano > Igiporisi kivuga ko ubukozi bw’ikibi bwiyongereye mu kwezi kwa (...)

Igiporisi kivuga ko ubukozi bw’ikibi bwiyongereye mu kwezi kwa Myandagaro

vendredi 1er Nyakanga 2017, par Egide NDUWIMANA

Petero NKURIKIYE, umuvugizi w’igiporisi c’Uburundi amenyesha ko mu bikorwa vy’ukurwanya ubugizi bwa nabi mu kwezi kwa Myandagaro, hari imirwi cumi n’itanu y’inkozi z’ikibi yasambuwe, abagizi ba nabi 249 barafatwa, hamwe n’amadosiye 1123 y’abagirizwa ivyaha bitandukanye yakozwe yongera ashikirizwa ubutungane.

Igiporisi c’Uburundi kiravuga ivyo kigiye gukora mu gukomeza umutekano muri uku kwezi kwa Nyakanga kwatanguye.

"Muri uku kwezi kwa Nyakanga, ubushikiranganji bujejwe umutekano buzokora butiziganya mu kurwanya ububisha bukorwa hakoreshejwe ibirwanisho, ibiturire hamwe n’urudandazwa rwa magendu, kwaka ibirwanisho ababifise batabifitiye uruhusha, kurwanya ibiyayuramutwe hamwe n’ibinyobwa bitemewe n’amategeko."

JPEG - 109.9 ko
Petero NKURIKIYE, umuvugizi w’igiporisi c’Uburundi

Umuvugizi w’igiporisi c’Uburundi ntashikiriza ariko nk’uko yahora abikora ku yandi mezi, igitigiri co muri rusangi c’abantu bahitanwe n’ubugizi bwa nabi bwakozwe mu mihingo itandukanye y’igihugu c’Uburundi. Petero NKURIKIYE avuga ko mu giporisi bakiri mu gikorwa c’ukwegeranya ivyo biharuro.


Egide NDUWIMANA

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.