IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Amakuru > u Burundi > Igisirikare c’Uburundi cemeza ko ata mafaranga yibwe mu kigega (...)

Igisirikare c’Uburundi cemeza ko ata mafaranga yibwe mu kigega CECAD

mardi 7 Munyonyo 2017, par Egide NDUWIMANA

Mu gihe amakuru atangwa n’abegereye abari bafashwe avuga ko abo barongoye ikigega CECAD (Coopérative d’Epargne et de Crédit pour l’Auto Développement) bari batwawe mw’iperereza kubazwa mu matohoza ku dutabu tw’ukubikuza amafaranga (Chequiers) twazimiye, Colonel Gaspard BARATUZA ashikiriza ko izo ndongozi zari zatwawe mw’iperereza kugira bigire hamwe ingingo zofatwa kugira ubutunzi bw’abanywanyi ba CECAD bacungerwe neza.

JPEG - 171.4 ko
Koperative CECAD

Colonel BARATUZA yemeza ko ikigega CECAD cifashe neza, kandi ko ata mafaranga yazimanganye.

Ku kibazo c’abasirikare batararonka imishahara yabo ya AMISOM, Colonel Gaspard BARATUZA avugira igisirikare c’Uburundi amenyesha ko ibikorwa vy’ugushira ayo iyo mishahara ku bubiko (Comptes) bw’abo basirikare bitarahera.

JPEG - 21.1 ko
Colonel Gaspard BARATUZA, umuvugizi w’igisirikare c’Uburundi

Tubobiutse ko Abayobozi bane b’ikigega c’ukuziganya c’igisirikare c’Uburundi bari bafashwe ku muhingamo wo kuri uwu wa mbere barekuwe, inyuma y’ukwumvirizwa mw’igendereza ry’Uburundi.

Abari bafashwe ni Colonel Viator Munyankindi umuyobozi mukuru wa CECAD, Major Nestor Bigirimana umuyobozi ajejwe ivy’ubutunzi, Colonel Antoine Bigayi, hamwe Lt-col Claver Ndikumwami.

Ikigega c’ukubika n’ukubikuza amafaranga c’abasirikare b’Uburundi kimaze imyaka icumi gikora. Muri ico kigega bageze ku mutahe w’amafaranga imiriyaridi 37 z’amarundi, abanywanyi nabo bakaba bageze ku bihumbi 38.


Egide NDUWIMANA

Messages

  • Uwu avugira icahoze citwa igisirikare c’uburundi arateye isoni n’agahinda! Ni gute inama ya CECAD yobera muri SNR! Bafashwe kubera ari aba EX-FAB biyamirije umugambi mubi waba NDAKUGARIKA wo kumena amaso abo bitwa abasirikare ba FDN (Force de Destabilisation Nationale) babika muri CECAD! Aba DD bazopfa bangara nkagahini

  • Ni vyiza ko umuvugizi w’igisirikare asigura ko atanzu isha muri CECAD ariko kubona abakozi bakuru baja kubazwa muri RSN ntivyahumurije abafiseyo amafaranga. Nibaza ko dukwiye kumenya ingene abantu bifata iyo hari akabazo mu ma Banke, umuntu wese akenye gukiza amahera yiwe vyihuta iyo ibanki ivuzweko ikintu kibi. Ko hari BRB igenzura ama banki na za microfinances, kuki boja SNR? Ubwo si gukoresha inzego mu kibanza kitarico? BRB yari kubikorana ubushishozi kuko izi neza ingaruka bishobora gutera kuri CECAD. Jewe nohanura ko twomenya ko banke zimeze nk’amata y’abashitsi azira agatotsi, hari ingorane BRB ikabitunganya mu buhinga bukoreshwa ku rwego mpuzamakungu.

  • Uwo nawe ngo icahoze citwa igisirikare c’Uburundi!!! None icawe citwa ngw’iki?

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.