IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Amakuru > u Burundi > "Ikibazo c’Uburundi kizotorerwa umuti n’ibiganiro bishigikiwe (...)

"Ikibazo c’Uburundi kizotorerwa umuti n’ibiganiro bishigikiwe n’akarere"

mercredi 9 Myandagaro 2017

Mu kiganiro yahaye abamenyeshamakuru kuri uno wa gatatu Katja Lasseur yavuze ko mu minsi itanu yari amaze mu rugendo mu Burundi yabonye ko abanyagihugu bugarujwe n’ubukene buvuye ku biza no ku ndyane za poritike izo nazo zikaba zikenewe gukurikiranwa cane.

Katja Lasseur yavuze ko yizeye ko ibiganiro bihagarariwe n’umufasha w’umuhuza Benjamin Mkapa bigiye kubandanya, kandi abona ko inyishu ku ndyane za poritike ziri mu Burundi ata handi izova atari mu biganiro bishigikiwe n’akarere kandi bihagarariwe na Benjamin Mkapa.

Intumwa idasanzwe y’igihugu c’Ubuhorande mu karere k’ibiyaga binibi yavuze kandi ko ku bategerezwa kuja mu biganiro ariko bakurikiranwa n’ubutungane,ari nkenerwa ko bitaba ubutungane, ariko ko ababijejwe bakwiye kuraba abo bategerezwa kuvugana kugira ikibazo ca poritike kironke inyishu.

Ubuhorande ntibwigeze buhagarika gufasha abarundi

{{}}
Ku bijanye naho igihugu c’Ubuhorande gihagaze mu gufasha Uburundi, Katja Lasseur yavuze ati:«Igihugu c’Ubuhorande nticigeze gitererana abarundi, Ubuhorande burabandanya gufasha mu bisata vy’uburimyi, irondoka rijanye n’amagara meza, gushigikira amahoro n’umutekano

Yongeye ati:«Muri iyo ntumbero nyene,Ubuhorande bwama butanga imiriyoni 40 z’amafaranga y’abanyaburaya afasha mu bijanye n’iterambere, kandi ico gikorwa kizobandanya.»

Ku bijanye n’aho bahagaze ku bihano ishirahamwe rya Buraya ryafatiye Uburundi, Katja Lasseur yavuze ko nk ’igihugu kimwe mu vyatanguje ishirahamwe ry’Ubumwe bwa Buraya,Ubuhorande bushigikiye ahubwo ingingo y’ishirahamwe ry’Ubumwe bwa Buraya kuko atari ibihano nkuko benshi babivuga.

Yavuze ati:«Ubuhorande busangiye uko bubona ibintu n’ishirahamwe ry’Ubumwe bwa Buraya. Si ibihano vyafatiwe Uburundi, ariko ni ingingo zihuye n’amasezerano ya Cotonou, kuko ishirahamwe ry’Ubumwe bwa Buraya butanga amafaranga imiriyoni 95 z’amanyaburaya ku barundi

Mu minsi itanu yari amaze mu Burundi, intumwa idasanzwe y’igihugu c’Ubuhorande mu karere k’ibiyaga binini Katja Lasseur, yagendeye intara za Makamba na Rumonge,yarabonanye n’abarongozi b’igihugu hamwe n’abari mu migambwe itavuga rumwe nayo, bakaba baganiriye ku bijanye n’ibiganiro bihuza abarundi bibera mu gisagara ca Arusha, mu gihugu ca Tanzaniya.

Gushika ubu igihugu c’Ubuhorande gifashisha Uburundi amafaranga n’imiburiburi imiriyoni 37,5 z’amafaranga y’abanyaburaya akora mu bisata bitandukanye vy’ubuzima bw’igihugu.


MUGISHA Van Naris

Messages

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.