IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Amakuru > u Burundi > Ikibazo c’amafaranga y’agaciro caragarutse mu vyabajijwe icegera ca kabiri (...)

Ikibazo c’amafaranga y’agaciro caragarutse mu vyabajijwe icegera ca kabiri c’umukuru w’igihugu

vendredi 13 Ndamukiza 2018, par Egide NDUWIMANA

Ivyo babishikirije ku munsi wa gatatu uheze igenekerezo rya 11 Ndamukiza 2018, igihe icegera ca kabiri c’umukuru w’igihugu Joseph BUTORE yashikiriza abatowe n’abanyagihugu ibikorwa vyaranguwe n’ubushikiranganji 12 bwegukira ibiro vyiwe mu gice ca kabiri c’umwaka wa 2017.

JPEG - 134.9 ko
Bamwe mu bashingamateka b’Uburundi

Umukuru w’inama nshingamateka y’Uburundi Pascal NYABENDA naho yamenyesheje ko ikibazo c’amafaranga y’agaciro kiri no mu bindi bihugu atari mu Burundi gusa, yashimye kubaza namba ata biterwa vyokorwako ubushakashatsi kugira bishorwe hanze bishobore kuzana amafaranga y’agaciro.

Umushingamateka Pierre Celestin NDIKUMANA yerekanye amakenga yiwe ko mu gihe ikibazo c’amafaranga y’agaciro kitatorewe umuti vuba, gituma habura ibintu vyinshi mu gihugu.

Kurivyo bibazo, icegera ca kabiri c’umukuru w’igihugu Joseph BUTORE yishuye ati : “Bimwe mu biriko birakorwa mu ntumbero yo gutorera inyishu ikena ry’amafaranga y’agaciro hari ubushakashatsi buriko burakorwa ku biterwa vyoshobora gushorerwa hanze kugira bifashe mu kuzana ayo mafaranga mu gihugu, nk’uko bisanzwe biri ku biterwa vy’icayi n’ikawa.”

JPEG - 62.8 ko
Joseph BUTORE, Icegera ca kabiri c’umukuru w’igihugu

Vianney BIKORIMANA

Messages

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.