IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Home > Amakuru > Ikigo ISTEEBU kivuga ko ukwezi kwahariwe ibiharuro mu gihugu kugiye (...)

Ikigo ISTEEBU kivuga ko ukwezi kwahariwe ibiharuro mu gihugu kugiye guhimbazwa

Friday 19 October 2018, by vianney

Mu kiganiro yahaye abamenyeshamakuru kuruno wa gatanu igenekerezo rya 19 Gitugutu 2018,umuyobozi w’ikigo ISTEEBU Nicolas NDAYISHIMIYE yamenyesheje ko uko kwezi kwahariwe ibiharuro vy’ubuzima bw’igihugu mu Burundi hisunzwe umusi mpuzamakungu wahariwe ibiharuro uba rimwe mu myaka itanu kuva mu 2010 hamwe nuwo ku rwego rwa Afrika uba buri mwaka muri Munyonyo kuva mu mwaka w’i 1993.

Nicolas NDAYISHIMIYE yavuze ko bimwe mu bikorwa bitegekanijwe ari gutunganya ikiganiro gica kw’iradiyo kija nye n’umugambi wa kabiri w’igihugu wo guteza imbere ibiharuro,gutunganya inganda zitandukanye mu gihugu zo gushira ahabona ibiharuro vyavuye mu matohoz y’ikigo ISTEEBU hamwe no gutunganya umusi wahariwe ishure ryo kwigisha umwuga wo gutororokanya ibiharuro muri kaminuza y’Uburundi k’uruhara n’akamaro bifitiye umugambi w’igihugu w’iterambere wo gushika mu mwaka wa 2018.

Ukwezi kw’indwi kwahariwe ibiharuro vy’ubuzima bw’igihugu mu Burundi kuzohimbazwa kw’igenekerezo rya 20 Munyonyo umwaka wa 2018 ku civugo kivuga giti:“Ibiharuro vy’ubuzima bw’igihugu bisukuye kandi vy’akanovera bishikira ishirwa mu ngiro ry’umugambi w’igihugu w’iterambere w’umwaka wa 2018 ushira umwaka wa 2027 hamwe n’iyindi migambi iwukomokako.”


Vianney BIKORIMANA

Any message or comments?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.