IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Amakuru > u Burundi > Ikinyamakuru Burundi Eco cagiriraniye amasezerano n’amakaminuza

Ikinyamakuru Burundi Eco cagiriraniye amasezerano n’amakaminuza

samedi 25 Munyonyo 2017, par Egide NDUWIMANA

Umuyobozi w’ico kinyamakuru amenyesha ko intumbero yo kugiriranira amasezerano n’amakaminuza ari iy’ugufasha urwaruka ruhurikiye muri ayo ma kaminuza kuronka amakuru y’ibigezweho mu gihugu, bakongera bakamenyera kuza barasoma ibinyamakuru.

«Intumbero yacu n’uko abana b’igihugu boronswa amakuru biboroheye, bakongera bakayahanahana no mu kibano.Twahisemwo amakaminuza kubera urwaruka arirwo Burundi bw’ejo. Iyo rumenye amakuru y’iterambere ruraheza rukayisunga rukiteza imbere. Dushaka gukwiragiza amakuru y’iterambere duhereye mu rwaruka».

JPEG - 5.5 Mo
Melance BUREGEYA, umuyobozi mukuru w’ikinyamakuru Burundi Eco

Umuyobozi mukuru w’ikinyamakuru Burundi Eco arongera akamenyesha ko ari n’akaryo keza ko gukarihiriza ubwenge abanyeshuri biga mu bisata vyo kumenyesha amakuru, abiga ivy’ubutunzi, n’ibindi bisata ikinyamakuru gisanzwe gikoreramwo.

Umwigisha Deodratias Nimpagaritse arongoye Kaminuza y’umuco (Université Lumière de Bujumbura), amenyesha ko ari akaryo ko gufasha abanyeshuri.

« Mu gihe ico kinyamakuru abanyeshuri bazoza barakironswa ku buntu, bizobafasha gose kumenya amakuru bongere bamenye umwuga wo kumenyesha amakuru. »

JPEG - 132 ko
Deodratias Nimpagaritse arongoye Kaminuza y’umuco (Université Lumière de Bujumbura)

Umwigisha wa Kaminuza Deogratias Nimpagaritse arongera akavuga ko bagiye gufashanya mu bijanye no guhanahana abashakashatsi kugirango ikinyamakuru kironke inkuru zirimwo ubuhinga bukwiye.

Ayo masezerano Burundi Eco ikaba imaze kuyagiriranira n’amakaminuza nka Kaminuza y’Uburundi, Kaminuza y’umuco (Lumière), Martin Luther King, Equateur hamwe na Leadership, ikaba itanga ibinyamakuru 1400 ku ndwi kuri ayo ma kaminuza.

Ibirori vy’ugutanguza ayo masezerano vyabaye ku muhingamo wo kuri uwu wa gatanu.


Pacifique BUKURU

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.