IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Amakuru > u Burundi > Imboneshakure y’igihugu izokwereka ikibiriraho inkino 32 z’igikombe (...)

Imboneshakure y’igihugu izokwereka ikibiriraho inkino 32 z’igikombe c’isi

samedi 9 juin 2018

Salvator NIZIGIYIMANA arongoye insamirizi n’imboneshakure vy’igihugu, avuga ko yamaze kuvugana nabo vyega bose kugira bazoshobore kuronka uburenganzira bwo kwerekana inkino z’igikombe c’isi zizobera mu gihugu c’Uburusiya kuva kw’igenekerezo rya 14 Ruheshi gushika kurya 15 Mukakaro 2018.

Umuyobozi mukuru w’insamirizi n’imboneshakure vy’igihugu RTNB , avuga ko bahejeje kuvugana ku masezerano yo kwerekana ikibiriraho inkino 32 muri 64 z ‘ihiganwa ry’igikombe c’isi.

Ku bijanye n’inkino zizokwerekanwa, Salvator NIZIGIYIMANA, amenyesha ko bazokwerekana kandi inkino zo gukurakuranamwo, iz’igice c’umunani gishira ica nyuma, igice ca kane gishira ica nyuma, ica kabiri gishira ica nyuma n’urukino rwa nyuma.

JPEG - 21.8 ko
Salvator NZIGIYIMANA, Umuyobozi w’insamirizi n’imboneshakure vy’igihugu

Salvator NIZIGIYAMANA avuga kandi ko, kw’igenekerezo rya 14 Ruheshi, imboneshakure y’igihugu izokwerekana ibirori vyo kwugurura ihiganwa kandi bakazokwerekana n’ibirori vyo gusozera ihiganwa, bizoba kw’igenekerezo rya 15 Mukakaro 2018.

Umuyobozi mukuru w’insamirizi n’imboneshakure vy’iguhugu RTNB, amenyesha ko abarundi badakeneye kwama bumva canke babona amakuru ya poritike gusa, ariko bakeneye no kuryoherwa bakaronka akaryo ko gutwenga no kunezerwa.


MUGISHA Van Naris

Messages

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.