IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Amakuru > u Burundi > Abayoboke barenga 1500 ba Zebiya bahora mu Rwanda biyemeje gutaha mu (...)

Abayoboke barenga 1500 ba Zebiya bahora mu Rwanda biyemeje gutaha mu Burundi

samedi 31 mars 2018

Izo mpuzi zari zashitse mu gihugu c’Urwanda kw’igenekerezo rya 7 Ntwarante 2018, ariko zimaze kuganira n’abategetsi mu gihugu c’Urwanda, zanse gufungura ibifungurwa biva mu mahinguriro, zanka gukingirwa, kandi zanka no gukurikiza ivyo zari zasabwe kugira zemererwe ubuhungiro.

Amakuru ava mu gihugu c’Urwanda, amenyesha ko, gushika ku mugoroba wo kur’uyu wa 31 Ndamukiza 2018, impunzi zari mu kibanza c’ahitwa i Bugesera zari zimaze kwemera gutaha mu Burundi.

Ayo makuru nyene, amenyesha ko, mu zindi kambi z’infatakibanza zashikiyemwo impunzi zavuye mu gihugu ca Republika Iharanira Intwaro Rusangi ya Kongo, abarundi bariyo batarandika, ariko na bo bashobora kwemeza ko bagiye gutaha mu Burundi bumvise abandi bafashe ingingo yo gutaha.

Kw’igenekerezo rya 28 Ntwarante 2018 , izo mpunzi zaranse guharurwa, bituma 33 muri bo bahagarikwa bagirizwa kwigisha abandi kwanka kwakira infashanyo no kubangamira ibikorwa vy’inzego zibafasha.

Impunzi z’Abarundi zavuye muri RDC zashizwe mu makambi atatu y’agateganyo. Abagera ku 1607 bari i Bugesera, 522 bashizwe i Nyanza, abasigaye 394 bagumye Nyarushishi mu Karere ka Rusizi.


MUGISHA Van Naris

Messages

  • Amahoro ico mvuze kuri bene wacu bayoboka Zebiya ivyo banse yuko babakorera jewe mbona umengo ni myumvire mibi bagize kuko u Rwanda rwifuje kubafasha kugira bakurikize yo kubafasha kugira bahabwe ubuhungiro none bikuye amata mukanwa gusa mwebwe musubiye mu gihugu camavukiro musenge kuko muravye ivyo Nkurunziza akora bibi ashobora kuzobagirira nabi none rero twebwe ntituzokwemera ibizova mu matora yibwirizwa nshingiro.

  • ubundi umurundi aba akwiye gusubira iwabo namaguru nago akwiriye imodoka

  • None,ga Munyankindi,kuba,mubuhungiro Niho,ufise,amata,mukanwa, "ntawutinya,kwonka,nyina,ngwagwaye,amahere"iwanyu,niwanyu,ingo Twubake,igihugu Nayamatora,wanka,gutora Ntiwanka,gutwagw, Kazeneza,bavukanyi, Mugabo,musuzume Imyemere,yanyu kuko,ibusinde,ntimuzosubirayo Mugamburukire,abaganza

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.