IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Amakuru > u Burundi > ’’Impunzi z’abarundi zisa n’izagizwe imbohe na HCR n’ibihugu bimwe (...)

’’Impunzi z’abarundi zisa n’izagizwe imbohe na HCR n’ibihugu bimwe bimwe’’

mardi 12 Nyakanga 2017

Mu kiganiro yahaye abamenyeshamakuru kuri uyu wa kabiri igenekerezo rya 12 Nyakanga 2017, Firipo NZOBONARIBA avuga ko Reta y’Uburundi ishimishwa no kuba impunzi ziriko zirataha kandi ku gushaka kwazo, naho ishirahamwe HCR zitoroheje mu kuzirekura ngo zitahe, gushika naho zigira imyiyerekano yo gusaba gutaha.

Muri ico kiganiro, umunyamabanga mukuru wa Reta akaba n’umuvugizi wayo amenyesha ko Reta y’Uburundi itaratahura igituma ishirahamwe HCR ryankira impunzi gutaha, rikabandanya kandi gutangaza ibitigiri vy’umurengera vy’impunzi z’Abarundi.

Kuri ayo makenga Filipo NZOBONARIBA avuga ati :’’Igitigiri c’impunzi z’abarundi zirenga ibihumbi 400 gitangazwa n’ishirahamwe HCR mu makungu atawocemera mu gihe bizwi y’uko izirenga ibihumbi 100 zimaze gutaha, kandi n’abantu baba mu ntara imw’imwe bazwi.’’

Umunyamabanga mukuru wa Reta y’Uburundi akaba n’umuvugizi wayo amenyesha ko kugira hamenyekane ibitigiri vy’ukuri vy’impunzi z’abarundi, hakwiye gukorwa rusansuma rw’impunzi zose n’iyo zahunze ziva, urusansuma rukorewe hamwe na Reta y’Uburundi kugirango bigaragare neza ko ivyo bitigiri bishikirizwa n’ishirahamwe HCR ari ivy’ukuri.

JPEG - 40.7 ko
Filipo NZOBONARIBA,Umunyamabanga mukuru akaba n’umuvugizi wa Reta

Ku kibazo co gutahukana impunzi z’abarundi bari mu gihugu c’Urwanda, nk’uko vyabaye mu gihugu ca Tanzaniya na Republika Iharanira Intwaro Rusangi ya Kongo, Firipo NZOBONARIBA avuga ko bigoye kwicarana n’igihugu c’Urwanda kugira bavugane kuri ico kibazo, kuko ico gihugu cagirizwa n’Uburundi ko kiri mu bihugu bironkera akarusho ku mpunzi.

"Biragoye kwicarana n’Urwanda, kuko ruri mu bihugu bikamisha impunzi z’abarundi. Ntidushobora kwemera kwicarana n’Urwanda ngo batahukane impunzi, kuko abo barungika baba babahaye ibirwanisho.’’

Kw’igenekerezo rya 8 Nyakanga 2017, imiryango 97 y’impunzi igizwe n’abantu 301 niyo yatahutse ivuye mu gihugu ca Tanzaniya, mw’ikambi y’impunzi y’i Nduta. Izo mpunzi zakiriwe n’umwunganirizi w’ubushikiranganji bw’intwaro yo hagati mu gihugu Therence NTAHIRAJA ari kumwe na Emmanuel Maganga umuyobozi w’akarere ka Kigoma mu gihugu ca Tanzaniya.

Izo mpunzi zakiririwe muri komine Gisuru y’intara ya Ruyigi, mu kurindira ko zijanwa mu kigo kiri muri komine Ruyigi.


MUGISHA Van Naris

Messages

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.