Accueil > Amakuru > u Burundi > Inama ya ONU ijejwe umutekano ishobora gufatira ingingo ababangamira (...)
Inama ya ONU ijejwe umutekano ishobora gufatira ingingo ababangamira umutekano mu Burundi
vendredi 4 Myandagaro 2017
Mu cegeranyo cashikirijwe n’inama y’ishirahamwe mpuzamakungu ONU ijejwe umutekano, iyo nama imenyesha ko iyo ngingo izofatirwa bose, baba abari mu Burundi canke abari hanze y’igihugu, bafise uruhara mw’ihungabanywa ry’umutekano mu Burundi.
Inama ya ONU ijejwe umutekano imenyesha ko irajwe ishinga n’ingene ibintu vyifashe mu Burundi mu bijanye n’agateka ka zina muntu.
Muri ico cegeranyo ,iyo nama y’ishirahamwe mpuzamakungu ONU ivuga ko mu Burundi hacibonekeza ihohoterwa,inyuruzwa ry’abantu hamwe n’ubwicanyi ndengerabutungane.
MUGISHA Van Naris