IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Amakuru > u Burundi > Ingingo z’ukurondera umuti w’ubukene bw’igitoro zafashwe

Ingingo z’ukurondera umuti w’ubukene bw’igitoro zafashwe

jeudi 4 Rusama 2017, par Egide NDUWIMANA

Ubushikiranganji bw’amasoko ntanganguvu bwafashe ingingo zofasha abarondera igitoro kukironka bitagoranye. Izo ngingo zifashwe inyuma iminsi iheze hibonekeza imirongo miremire mu bibanza bigurirwamwo ico gitoro, abakirondera bakidoga ko bitaborohera.

Muri izo ngingo zafashwe, harimwo ko igitoro kigiye kudandarizwa mu bibanza bizwi gusa (Stations-Services), naho nyene mu masaha atari ay’ijoro (kuva isaha imwe y’agatondo gushika isaha cumi na zibiri z’umugoroba). Uwuzofatwa ariko adandaza ico gitoro mu yandi masaha atari ayo yashizweho n’ubushikiranganji akazofatirwa ibihano birimwo kwugara iyo sitasiyo, gufata ico gitoro, hamwe n’ugutangishwa ihadabu.

Abaronse igitoro basabwa kukidandaza cose gushika giheze, bongere buzuze ku munsi ku munsi igitabu (Registre) cerekana igitoro bari baronse hamwe n’ico badandaje. Imiduga yunguruza ibitoro yategetswe kutazosubira gusohoka ahari ububiko bw’ico gitoro inyuma y’isaha cumi na zibiri z’umugoroba, ubushikiranganji bw’amasoko ntanganguvu nabwo bukaba bwiyemeje kwama bushira ku mugaragaro urutonde ruvuga amasitasiyo yahawe igitoro.

Ubukene bw’igitoro bubandanya kwibonekeza mu ntara zitandukanye z’Uburundi. Kurondera igitoro mu gisagara ca Bujumbura bisigaye bifatwa nk’ukurondera umuzi w’ibuye.

Abakoresha imiduga yaba abiyunguruza bisanzwe, canke abayikoresha mu guca amahera baridoga ko ubwo bukene bw’igitoro buhungabanya ibikorwa vy’abo, gushika aho mbere bamwe muribo basigaye bagurira mu kinyegero ico gitoro kigeze ku mafaranga ibihumbi bitanu kw’iritiro imwe.

Imirongo miremire niyo ibandanya kwibonekeza mu bibanza bigurirwamwo ico gitoro, naho nyene abakironse kikaboneka bagitondeye amasaha menshi.


IGIHE

Messages

  • ayo masoko ntanganguvu nuyugurure umuhora wakera igitoro cacamwo kuva kera.umuhora wa Tanganyika.kigoma Zambian.Congo.ngaho muburundi harubwato karuhariwe buzana igitoro.rubaya. nvura co muri congo.uwomuhora waragaburira igihugu igitoro kandi na securite .ikigoma hariho abagwiza tunga basazwe nkarubega.murikino gihe niguha isoko uwabishobora wese kukigeza mugihugu.hama reta yongereze igiciro not ca tax cokugurishako nka500 per litre.ayo agakoreshwa munzira zose zoshoboka kugira igitoro ntikize gisubire kubura.erega ninzira zamagendo zirafasha rimwe narimwe.bagategurigwa ahobashikiza ivyobazanye kugira birihe tax.bimaze no gupimwa.

  • Izo n’ingaruka mbi z’ubutegetsi bubi,ahubwo ndasaba leta y’u Rwanda kugara inzira ama camions acamo azana igitoro ngaha mu Burundi,ndabe ingene leta y’Icaduka ivyifatamwo,amaraso DD yamenye azoyisama gushika isi iheze

  • Ntabwenge agira aho kurondera inzira zotuma kiza arincishi ngo nukudandaza gushika 18h.niho kizoca kiboneka?cabananiy gutwara dd vako

  • Ntabwenge agira aho kurondera inzira zotuma kiza arincishi ngo nukudandaza gushika 18h.niho kizoca kiboneka?cabananiy gutwara dd vako

  • Wumvise ngo cabuze aho gica ??? Habuze ama dollars yo kukigura.

  • magendo yigitoro ninziza kuko reta irakunda kukibura umva nihamwe reta ikibuze ibintubica biyangara umuti nibareke gicuruzwe atamatagisi cinjire kitarisheamakori

  • NONE IYOKIVA CARABUZE? UWOMUSHIKIRANGANJI NARABE AKINYARUKANE UBONACOZA ABATEGETSI NIBATWOROHEREZE KUCOBABITSE

  • Kankindi, icuvuga yuko hokurwaho amatagisi, ico ntigishoboka kuko amatagisi harivyafasha mugihugu muvyiterambere, ariko ngahiwacu iconabonye igihanze umwenegihugu, atozwa itagisi yu murengera nico ya genewe ntibaricikora! igacayinjira mumifuko yabamwe bamwe!, naragerageje gukora ubushakashatsi mubihugu bimwe bimwe biteyimbere, nasanze umunyagihugu uwariwewese, ategerezwa gutanga tagisi, kumushahara aronka burikwezi, kuvyusumye mwisoko utegerezwa kubitangira tagisi, nubwo coba arikiro kimwe. Ariko mwivyobihugu nubwo batozwa amatagisi kumishahara yabo, umwaka iyuheze, arya matagisi yose yatojwe yose arayasubizwa mwene kuyatanga, uwomusi agacatuburura umusipi womunda. Mwitohoza nakoze kumatagisi, murivyo bihugu ntibayatanga kumwe hari ibiyatanga rimwe mumwaka, nibindi bihugu biyatanga muburyo bubiri, abakozi bayasubizwa mumpera zumwaka, ariko arya akatwa kumusumyi womwosoko, canke mumaduka, bayasubizwa inyuma ya mezi atatu burimwenigihugu wese, tuvuge mumwaka wose bayasubizwa incuro 4,
    Nicogituma ibintu vyamagendo atabiriho mwivyobihugu, nuwihenze rwakoze magendo arahanwa bishimishije.
    Nayo haniwacu nuwuyitanga ,ayitanga atanezerewe kukumengo aribwe!, ivyo navyo bitumwa nabanye poritike, poritikeyabo ninto mumitwe yabo.
    Mubategetsi bacu, ukobigenda mubindi bihugu basazwe babizi, ariko bibagumira nkamabuye nkabandi.

  • Kankindi, icuvuga yuko hokurwaho amatagisi, ico ntigishoboka kuko amatagisi harivyafasha mugihugu muvyiterambere, ariko ngahiwacu iconabonye igihanze umwenegihugu, atozwa itagisi yu murengera nico ya genewe ntibaricikora! igacayinjira mumifuko yabamwe bamwe!, naragerageje gukora ubushakashatsi mubihugu bimwe bimwe biteyimbere, nasanze umunyagihugu uwariwewese, ategerezwa gutanga tagisi, kumushahara aronka burikwezi, kuvyusumye mwisoko utegerezwa kubitangira tagisi, nubwo coba arikiro kimwe. Ariko mwivyobihugu nubwo batozwa amatagisi kumishahara yabo, umwaka iyuheze, arya matagisi yose yatojwe yose arayasubizwa mwene kuyatanga, uwomusi agacatuburura umusipi womunda. Mwitohoza nakoze kumatagisi, murivyo bihugu ntibayatanga kumwe hari ibiyatanga rimwe mumwaka, nibindi bihugu biyatanga muburyo bubiri, abakozi bayasubizwa mumpera zumwaka, ariko arya akatwa kumusumyi womwosoko, canke mumaduka, bayasubizwa inyuma ya mezi atatu burimwenigihugu wese, tuvuge mumwaka wose bayasubizwa incuro 4,
    Nicogituma ibintu vyamagendo atabiriho mwivyobihugu, nuwihenze rwakoze magendo arahanwa bishimishije.
    Nayo haniwacu nuwuyitanga ,ayitanga atanezerewe kukumengo aribwe!, ivyo navyo bitumwa nabanye poritike, poritikeyabo ninto mumitwe yabo.
    Mubategetsi bacu, ukobigenda mubindi bihugu basazwe babizi, ariko bibagumira nkamabuye, ntibashobora gukora nkabandi.

  • nimwihangane ivyubu niko bimeze numunyu warazimvye kandi abawugura barihanganye

  • look, amadolar make uabavandimwe babarundi babonaga nayo bakuraga murwanda bazanye ibicuruzwa byabo byibura ibyo urwanda rwavanaga muburundi kumwaka byatwaraga 23 000 000 USD byibura bikagabanya balance of payment yuburundu. aho rero aba bavandimwe bunvishe ko bishoboye bahagaritse ibyasohokaga iwabo kdi byongera ama devise aza iwabo, ntakuntu bitagira ingaruka kukuzamuka kwigitori. uzamuka kwigitoro bisobanuye kuzamuka kwibiciro byiburibwa nabyo bike bidahagije abarundi ikiza gukurikira nugutakara kwagaciro kifaranga ryuburundi, nawe urunva iyo scandal, kubura kwibirubwa nibike bihari bigahenda cyane bikanahenda kwifaranga ryataye agaciro, urunva niba waguraga ikili cyisukari 1500 Frb kigiye kujya kigura nka 25000 frb. bibe blnkibyo muri zimbabwe. umuti umwe uhari nuko uburundi bwasgaka uko bukorana nibihugu bituranyi, ikindi bagashaka uburyo bahinga kijyambere buhira badategereje imvura bityo ibirubwa bizaba byinshi umasiko bihenduke banasagurire amasoko yo mukarere arimo n’urwanda
    bitaribyo nibicare bicwe ninzara.

  • None kombona hano iwacu mu Rwanda igiciro cyigitoro cyagabanutse, H.E Nkurunziza Peter niyugurure amarembo nugwanda. Ababanyi bakaba nabavukanyi baze bakigure ino mu Rwanda.
    Twebwe amarembo arafunguye murakazaneza benewacu babarundi nimuze muhahe igitoro iwacu.

  • NONEKIBURA GUTE TWUVA MUGIHUGU GIHARI

  • Igihugu cacu giteye amarira nagahinda

  • Ndabashimiy kwiyongingo yafaswe.murakoze.

  • BIRABASHA.JEKIZIMA,NDARANDIYE

  • Icibazo si uko Igitoro cabuze, icibazo ni ama dollars yo kucirangura. Erega amahera y’amarundi ntarenga u Burundi. None bazabigura ici??? Ko ntama dollars bafise kandi akaba ntan’ukundi boyaronka.

    Uyu mugabo nasigeho kwitwara comme un gosse de 5ans. Hama ashikirane n’abandi bakuru b’ibihugu hama baheze bamufashe gusubiza ibintu m’uburyo. Ntamugabo umwe.

    Turetse n’u Burundi, n’ibindi bihugu nka USA birafata amahera y’Ubushinwa, kugira bizamure ubukungu bwavyo, none uburundi busanzwe ari ubwanyuma m’ubukungu mwagira bimere gute??

    Abipfuza guhirika intwaro nibasigeho siwo muti. Abatera umutekano muke nabo nibasigeho kwangiza. Abari m’ubutegetsi nabo nibasubize ibintu uko vyahora mbere ya 2013, hama murabeko u Burundi butongera kuba igihugu c’ubuki na Bock.

  • Muntra Zaruguru Tuzokironka Gut?

  • BIRABASHA.JEKIZIMA,NDARANDIYE

  • Izo Ngingo Ntizibaho Nagato Iciza Reta Yoronder Kwimba Igitor Mu Gihugu Bakivome Mugihugu Bitagoranye.

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.