IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Amakuru > u Burundi > Ingingo zari zafashwe ku vyerekeye igitoro zahagaritswe

Ingingo zari zafashwe ku vyerekeye igitoro zahagaritswe

lundi 14 Myandagaro 2017, par Egide NDUWIMANA

Mw’itangazo ryateweko umukono kuri uwu wa mbere n’umushikiranganji w’amasoko ntanganguvu, ubutare n’agataka Come MANIRAKIZA, rimenyesha ko ingingo zose zari zarafashwe kuva habaye iryo kena ry’igitoro ko zihagaritswe kuva uno wa mbere.

Iryo tangazo rimenyesha kandi ko impusha zahora zitangwa naba Buramatari hamwe n’ubuyobozi bujejwe ivy’igitoro kugira abantu baronswe igitoro mu magunguru n’amabido ko nazo nyene zihagaritswe.

Umushikiranganji Come MANIRAKIZA amenyesha kandi ko igitoro kirekuriwe kudandarizwa ku masitasiyo honyene kandi ko ayo masitasiyo arekuriwe gukora amasaha yose.

Iryo tangazo rirangiza rimenyesha ko ubushikiranganji bujejwe ivy’igitoro ko buzobandanya bukora ibishoboka kugira ico gisata kibandanye neza ku neza yabantu bose.


Vianney BIKORIMANA

Messages

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.