IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Amakuru > u Burundi > Inoti z’ijana zigiye gusubira kuboneka

Inoti z’ijana zigiye gusubira kuboneka

lundi 14 Munyonyo 2016, par Egide NDUWIMANA

Banki nkuru y’igihugu yafashe ingingo y’ukugura izindi noti z’ijana, aho akaba ari mu gihe hari haheze iminsi hibonekeza ubukene bw’amafaranga mato mato. Muri Banki nkuru y’igihugu bamenyesha ko izo noti zizoba zabonetse mu mpera z’ukwezi kwa mbere.

Abanyagihugu bakora urudandaza ruto ruto bari bamaze iminsi bidoga ko hari ubukene bw’inoti z’ijana, hamwe n’ibingorongoro vy’amafaranga mirongo itanu, ivyo bigatuma bagira ikibazo c’ugusubiza abaguze ibidandazwa.

Yohani CIZA, umuyobozi wa Banki nkuru y’igihugu avuga ko muri banki bari bararanguye ibingorongoro bikwiye vy’amafaranga mirongo itanu, ariko akavuga ko iyo bigiye mu banyagihugu bidaheza ngo bibandanye bitembera, kuko hari abadakunda kubitemberana, bamwe muribo bakavuga ko biremereye.

"Banki nkuru y’igihugu yaramaze gufata umugambi w’ukurangura izindi noti z’ijana, twaramaze kuzituma hanze. Bizotwara ukwezi kumwe n’igice canke amezi abiri, ku buryo twibaza ko mu mpera z’ukwezi kwa mbere zizoba zabonetse"

Yohani CIZA avuga ko banki nkuru y’igihugu yari yaretse kugura izo noti kugira hakoreshwe ibingorongoro bisanzwe arivyo biramba, ariko akamenyesha ko babonye n’ivyo bingorongoro bitanguye kubura mu bantu kandi bari baguze ibikwiye. Kubw’uwo muyobozi, uwo mugambi w’ukugura izo noti z’ijana uje kworohereza abanyagihugu.


IGIHE

Messages

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.