IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Amakuru > u Burundi > ’’Intererano y’amatora y’ubushikiranganji bw’amagara y’abantu yatanzwe (...)

’’Intererano y’amatora y’ubushikiranganji bw’amagara y’abantu yatanzwe k’ubushake.’’

samedi 20 janvier 2018

Muganga Josiane NIJIMBERE avuga ko ari we nyene ubwiwe yatanze ubutumwa mu nama yabereye i Gitega asaba ko buri muntu afise ico yoterera yogitanga uko avyiyumvisemwo.

« Ni jewe ubwanje natanze ubutumwa imbere y’abarongoye intara n’abarongoye uburere bw’ubuvuzi hamwe n’abayobozi bakuru mu bushikiranganji bw’amagara y’abantu ndabasaba ko umwe wese yoterera ico yumva kiri ku mutima kandi yumva ashaka guterera. »

Uwo mushikiranganji avuga ko ayo mafaranga yatanzwe n’umuntu wese ashaka uko yumva n’uko ashoboye gutanga.

Muganga Josiane NIJIMBERE asigura ko naho abajejwe amagara y’abantu baguma ari abarundi ari naco catumye na bonyene baterera uruhara rwabo kugira bubake igihugu,kuko amatora ari ay’abarundi ,atari ay’abanyamahanga.

Amafaranga ubushikiranganji bw’amagara y’abantu no kurwanya Sida bwatanze angana n’imiriyoni 86.338 950 y’amafarangay’amarundi.


BIKORIMANA Vianney

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.