IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Amakuru > umutekano > Intsinga zibwe mw’ishirahamwe Regideso zafashwe.

Intsinga zibwe mw’ishirahamwe Regideso zafashwe.

mardi 25 Mukakaro 2017

Umuvugizi w’igiporisi c’Uburundi Pierre Nkurukiye amenyesha ko izo ntsinga bazifatanye abantu 8 bariko barazidandaza mu masoko yo mu Kamenge n’iyo mu Ruvumera, ubu bakaba bariko barabazwa uko bazironse n’uko bazidandaza kandi zisanzwe ari iz’ishirahamwe Regideso.

Nkurikiye Pierre avugira igiporisi avuga ko izo ntsinga ari inyungu rusangi, kuko arizo zikoreshwa n’ishirahamwe Regideso mu gutanga amazi n’amatara ku banyagihugu.

Uwo avugira igiporisi atera akamo abantu bose ko boza barafasha kugira intsinga nk’izo zibwe ntizigende amazimayongo, uwariwe wese abe inderetsi araho azibonye ace abimenyesha abajejwe umutekano.

JPEG - 71.2 ko
Pierre NKURIKIYE,umuvugizi w’igiporisi c’Uburundi

Mwomenya ko mu giporisi baheruka gufata mu ntara ya Bubanza kw’igenekerezo rya 11 Mukakaro 2017, intsinga nk’izo za Regideso. No mu ntara ya Muramvya hakaba haheruka gufatirwa ibikoresho vyakoreshwa mu kwubaka urugomero rwa Bubanza.


Vianney BIKORIMANA

Messages

  • umve iyo nkuru: mumbarize iyo nkuru numvise nivyo canke sivyo : ngo uburundi ntavyangombwa na bike bafise vyo kwakira inama ya comesa ngo hotel bafise yo kwakira abakuru b’ibihugu, nta miduga yo kunguruza abashitsi, ngo nta interneti dufise ....akamaramaza ngo Peter nkuru...kubera yuko atitaba amanama abera hanze ngo nico gituma igihugu c’uburundi kidashobora kwakira inama nkiyo.....ivyo nivyo canke nabirose? N.B mwebwe bene umuhora mureke iciyumviro canje kirengane, kuko ico kibazo ndashaka umpa umuco murakoze.

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.