IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Amakuru > u Burundi > Intwazangabo z’igiporisi zaronkejwe inyigisho zijanye no gukunda (...)

Intwazangabo z’igiporisi zaronkejwe inyigisho zijanye no gukunda igihugu

mardi 5 Kigarama 2017, par Egide NDUWIMANA

Umuyobozi mukuru w’igisata kijejwe kwigisha inyigisho zo gukundisha igihugu mu bushikiranganji bw’intwaro yo hagati mu gihugu ,Therence Mbonabuca yamenyesheje ko izo nyigisho zatanzwe kuri izo ntwazangabo zari zasabwe mu mwiherero uheruka w’abagize Reta, aho inyigisho zo gukundisha igihugu hamwe n’inyigisho zijanye n’umugambi w’amahoro hamwe n’umutekano zitangwa ku bantu bose, ari naco gituma zatunganijwe ku ntwazangabo z’igiporisi.

Therence Mbonabuca yavuze ati : “Izo nyigisho zitangwa zishimikiye kw’ibwirizwa shingiro, aho rivuga ko abajejwe umutekano mu gihugu nabo nyene bategerezwa kumenya ibiri mu gihugu nk’ivya poritike, ubutunzi, imibano, hamwe n’ukuronswa ibijanye n’inyigisho zo gukunda igihugu”.

JPEG - 27.9 ko
Therence MBONABUCA, umuyobozi mukuru w’igisata kijejwe kwigisha inyigisho zo gukundisha igihugu

Uwo muyobozi ajejwe inyigisho zo gukundisha igihugu yashikirije ko ivyigwa biri muri izo nyigisho bijanye n’ingendo hamwe n’imyifato umuporisi yogira mu ntwaro y’imigambwe myinshi, kumenya amajambo agize ururirimbo ruhayagiza igihugu hamwe n’ibijanye n’agateka ka zina muntu.

Bitegekanijwe ko izo ntwazangabo zaronkejwe izo nyigisho zizoca zija hagati mu gihugu kugira zigishe abandi baporisi na cane cane mu mashure y’igiporisi kugira bose izo nyigisho zijanye no gukunda igihugu bazironke.


Vianney BIKORIMANA

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.