IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Amakuru > Muri Afrika > Intwazangabo zibiri zaguye mu gitero muri Somaliya

Intwazangabo zibiri zaguye mu gitero muri Somaliya

mercredi 19 Gitugutu 2016, par Egide NDUWIMANA

Abantu bagera ku munani, harimwo abakozi ba Reta, nibo basize ubuzima mu gitero cabaye kuruwu wa kabiri, igitero cakozwe n’umugwi al-Shabab, mu gisagara ca Afgoye, kiri ku birometero 30, uva mu buseruko bw’umugwa mukuru wa Somaliya, i Mogadiscio.

Mu bahitanywe n’ico gitero, harimwo umuyobozi w’ibohero, Colonel Hassan Mohamed Hashi, umuyobozi w’igiporisi Abdulle Gorod, icegera ciwe Capitaine Ahmed Abdulkadir, hamwe n’umuyobozi mu gisata kijejwe ubutunzi muri ako karere, ariwe Mohamud Dahir Qoley. Ico gitero cakomerekeje abantu bashika kw’icenda, nkuko vyemezwa n’abajejwe umutekano.

Buramatari w’Intara ya Lower, Shabelle Ibrahim Aden Ali, yabwiye VOA ko Colonel Mohamed yapfuye ariko ararasana n’abo bagwanyi, abandi bakaba bahitanywe n’ibombe yaturikiye mu modoka yari ku kirindiro c’igiporisi mur’ico gisagara.

Umugwi al-Shabab, usanzwe ukora ibitero mu ntumbero yo kugwanya Reta ya Somaliya kuva mu mwaka w’2006, waratangaje ko wiyemeje guhungabanya amatora yimirije aho muri Somaliya.

Igisagara ca Afgoye caraye gitewe, kikaba ari kimwe mu bisagara icenda, abajejwe umutekano bari batangaje ko bishobora kubangamigwa n’ibitero vya al-Shabab.


IGIHE

Messages

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.