IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Kwidagadura > Abacuraranzi > Isango n’ikibanza vyo gushira ahabona urukurikirane ’’Umwanya’’ (...)

Isango n’ikibanza vyo gushira ahabona urukurikirane ’’Umwanya’’ vyamenyekanye

vendredi 14 Mukakaro 2017

Mu kiganiro yagiranye n’ikinyamakuru IGIHE kuri uno wa gatanu igenekerezo rya 14 Mukakaro 2017,Yves KAMIKIWE yamenyesheje ko igenekerezo rya 19 ukwezi kw’umunani umwaka wa 2017,mu kibanza American Corner kiri mu ntara ya Gitega, ari ntabanduka ku bakunzi b’umuziki w’Uburundi.

Ku kibazo co kumenya igituma yahisemwo kugirira ico giteramo mu ntara ya Gitega, Yves KAMIKIWE yamenyesheje ikinyamakuru IGIHE ko i Gitega ariho hamufashije gutera imbere mu bijanye n’umuziki,akaba ari naho hari ishure ryigisha umuziki ’’Institut de Musicologie de Gitega’’.

Yavuze ati:«Sinokwirengagiza gukorera igikorwa nk’iki mu ntara ya Gitega,kuko ariho natereye imbere mu bijanye no kuririmba,kandi ari naho hari ishure ryigisha umuziki rimpagarikiye muri iki gikorwa ndiko ndatunganya.»

Yves KAMIKIWE yabwiye amenyesha kandi ko ku baririmvyi bipfuza kwifatanya nawe muri ico giteramo,bokwiyandikisha mw’ishure ry’umuziki riri i Gitega Institut de Musicologie de Gitega,ariko hasanzwe hari abaririmvyi bimaze kumenyekana ko bazova mu gisagara ca Bujumbura baririmba mu njana ya Slam.

JPEG - 46.4 ko
Yves KAMIKIWE

Ku bijanye n’ibiciro vyo kwinjira na CD ziriko urwo rukurikirane,umuririmvyi Yves KAMIKIWE amenyesha ko bizomenyesha hanyuma,ariko akaremesha abakunzi b’umuziki ko bitazoba bizimvye.

Yves KAMIKIWE arangiza asaba abakunzi b’umuziki kwitaba iryo sango, agashimira kandi ishure Institut de Musicologie de Gitega na American Corner y’i Gitega bariko baramufasha mu gutegura ico giteramo, hamwe n’umuhinyanyuzi Brigth akorera mu nzu Rock House Record bakoranye urwo rukurikirane.

Album ’’Umwanya’’ igizwe n’indirimbo 11 zakozwe mu mudiho w’ikirundi.


MUGISHA Van Naris

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.