IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Amakuru > u Burundi > Isare : Imiryango y’abatwa yaronkejwe imfashanyo n’ishirahamwe (...)

Isare : Imiryango y’abatwa yaronkejwe imfashanyo n’ishirahamwe VONECOVIC

jeudi 19 Gitugutu 2017, par Egide NDUWIMANA

Umuririmvyi Nsengiyumva Minani Felicien aserukira Vonecovic yamenyesheje ko batanze iyo mfashanyo mu ntumbero yo gufasha hamwe no guterera imiryango y’abatwa hamwe n’abandi bantu bafise amikoro make.

Nsengiyumva Minani Felicien avuga ko mu gufasha bisunga cane cane imiryango y’abatwa, kuko kenshi bakumirwa mu buzima busanzwe.

Mashimango Pascal aserukira iyo miryango y’abatwa yaronkejwe izo mfashanyo yashikirije ko iyo mfashanyo izobagirira akamaro kuko bayironse mu bihe ubukene bwatse indaro mu miryango nka yose.

« Twakiriye ino mfashanyo dushima kuko tuyironse mu bihe bigoye, hari ubukene, nta muryango w’umutwa woshobora kwigurira ibikoresho vy’ishure kandi n’abandi vyarabananiye kuko hasanzwe hari ubukene»

Musitanteri wa komine Isare, Gilbert NIYONKURU yasavye iyo miryango y’abatwa guheba ingeso yo gucikiza, yongera atera akamo iyo miryango ko kuja mu mashirahamwe kugira babone guhindura ubuzima basanzwe barimwo.

Abana nabo b’iyo miryango baronkejwe ibikoresho vy’ishure yabasavye kwijukira kuja mu mashure kugira batere imbere nk’abandi.

Umuririmvyi Nsengiyumva Minani Felicien akaba yaheruka gukora igiteramo mu gihugu c’Ububiligi mu ntumbero yo gufasha Abatwa barwaye umugera wa Sida bo mu Burundi. Nk’uko yabitwiganiye, Abatwa barwaye ico kiza biracabagora kwigaragaza mu kuja kwa muganga kwipimisha, arico gituma bahisemwo mw’ishirahamwe VONECOVIC kubagurira udukarata two kwivurizako n’ibikoresho vy’ishure ku bana babo.

Ishirahamwe VONECOVIC ryatangujwe n’umuririmvyi Nsengiyumva Minani Felicien batazira Femi de j’Abat, rikaba ryama ribafasha buri mwaka rimwe canke kabiri uhereye mu mwaka 2006. Iryo shirahamwe rirongowe n’umudagikazi Angela IROEGBU aba Hamburg mu Budagi, abifashijwemwo na Femi de j’Abat hamwe na Oystein BLIKSAS umugiraneza wo muri Norvège.


Vianney BIKORIMANA

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.