IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Amakuru > u Burundi > PARCEM : "Mairie ya Bujumbura ntiyerekanye aho SETEMU yananiriwe mu gukura (...)

PARCEM : "Mairie ya Bujumbura ntiyerekanye aho SETEMU yananiriwe mu gukura umucafu"

mercredi 11 Gitugutu 2017, par Egide NDUWIMANA

Mu kiganiro ku bamenyeshamakuru kuri uwu wa gatatu, umukuru wa PARCEM Faustin NDIKUMANA yamenyesheje ko igisata kijanye n’ivy’isuku ko ari Reta ibijejwe ata muntu yigenga yoza abikora ivyo yita « légitimité de l’Etat » mu rurimi rw’Igifaransa kuko haterekanywe uko ishirahamwe rya Reta ryahora ryegeranya umucafu aho ryananiriwe.

Faustin NDIKUMANA yashikirije ko ku ngingo yafashwe n’ubushikiranganji bw’intwaro yo hagati mu gihugu buri kumwe n’igisagara ca Bujumbura hamwe n’urwego rw’umuhuza ko ico gikorwa corangurwa n’amakoperative ku rwego rw’amakomine, ingorane zizoguma zibonekeza.

JPEG - 107 ko
Faustin NDIKUMANA, umukuru w’ishirahamwe PARCEM

Muri PARCEM basigura ko ata soko rirabaho risaba ababishoboye guhiganirwa ico gikorwa kandi ko ayo makoperative ata bikoresho canke ubuhinga bwayo yerekanye kugira ashobore kurangura ico ikorwa.

Faustin NDIKUMANA avuga ko abahabwa ayo masoko ari abantu bigenga baronderera inyungu zabo, inyingu z’igihugu zitashizwe imbere.

Ishirahamwe PARCEM risaba inzego zose za Reta zijejwe ico gikorwa kwicarana kugira zitorera umuti hamwe kuko kenshi usanga inzego zimwe zimwe zitanga inyishu zihushanye n’izatanzwe n’izindi nzego, bigatuma haba ukutumvikana kandi izo nzego zose zari iza Reta.


Vianney BIKORIMANA

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.