IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Amakuru > u Burundi > Ishirahamwe RHM ryagarukiye ku miryango y’Abatwa bo mu Gitaramuka

Ishirahamwe RHM ryagarukiye ku miryango y’Abatwa bo mu Gitaramuka

jeudi 29 Ntwarante 2018, par Egide NDUWIMANA

Iyo mfashanyo y’ishirahamwe Rukristu ryiyemeje kunywanisha n’ukugarukana umwizero (RHM : Restauration Hope Ministry) yari igizwe n’ibiro 138 vy’ibiharage, ibiro 175 vy’umuceri, ibitenge 56, inkwavu 30 hamwe n’amasabuni.

Christine NDIKURIYO, umutambukanyi w’umukuru w’inama nkenguzamateka, akaba n’umuhuzabikorwa w’ishirahamwe Restauration Hope Ministry yabwiye abo bakenyezi baronkejwe imfashanyo ko iryo shirahamwe ryashimye gusangira nabo umunsi mukuru w’Abakenyezi wahimbajwe kw’igenekerezo rya 8 Gitugutu.

"Kuri uwu munsi uri hejuru, turamutse twishikira muri kino kibanza, kugira twifatanye n’abakenyezi b’abasangwabutaka bo ngaha ku mutumba wa Gitaramuka, kugira duhimbarize hamwe umunsi mpuzamakungu wahariwe umukenyezi. Twebwe abakenyezi duhurikiye mw’ishirahamwe Rukristu ryiyemeje kunywanisha n’ukugarukana umwizero, tuboneyeho akaryo ko gusangira namwe uno munsi mukuru. Ntimwibaze ngo tuwuhimbaje dutevye, niko kanya keza turonse ko kuba hamwe namwe mbere abarundi barayamaze bati : Impundu ntibungwa."

JPEG - 63.3 ko
Christine NDIKURIYO, umutambukazi w’umukuru w’inama nkenguzamateka, akaba n’umuhuzabikorwa w’ishirahamwe Restauration Hope Ministry

Christine NDIKURIYO yabahamagariye kuja hamwe mu mashirahamwe no mu makoperative, kugira bakorere hamwe imigambi yobateza imbere. Yabemereye ko azokora ibishoboka vyose kugira ubuzima bwabo butere imbere.

"Ku bitwerekeye, ntaco tutazokora kugira tubashikire, twongere tubashikanire ijwi aho kumbure vyobagora gushika."

Uwaserukiye iyo miryango yaronkejwe iyo mfashanyo, umupfasoni Modesita BARAGASIKA, yagarutse ku bibazo bimwe bimwe vy’abatwa bo kuri uwo musozi wa Gitaramuka, aho akaba ari nk’ubukene bw’akazi ku bana b’abatwa bahejeje amashure, inzara, hamwe n’amashure ari kure, ivyo bigatuma abana babo bataja kw’ishure ku bwinshi.

Muri ivyo birori, Janviere NDIRAHISHA, umushikiranganji w’inyigisho, akaba n’umukuru w’ihuriro ry’abakenyezi, yebemereye ko azobagendera, yibonere ivyo abo batwa basavye kugira ico kibazo c’amashure gitorerwe inyishu.

JPEG - 65.2 ko
Janviere NDIRAHISHA, umushikiranganji w’inyigisho, akaba n’umukuru w’ihuriro ry’abakenyezi

Kuri iyo mfashanyo yatanzwe n’ishirahamwe RHP, umukenyezi umwe wese yaronkejwe ibiro bitanu vy’umuceri, ibiro bitanu vy’ibiharage, amasabuni 20, igitenge, hakaba n’imiryango yaronkejwe inkwavu. Obedi NIYONZIMA, icegera c’umukuru w’iryo shirahamwe amenyesha ko abaronkejwe inkwavu ari abigishijwe kuzorora.

JPEG - 70 ko
Obedi NIYONZIMA, icegera c’umukuru w’ishirahamwe RHM

Egide NDUWIMANA

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.