IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Amakuru > ingendo > Ishirahamwe ry’abunguruza abantu riragabisha abaduza ibiciro vyo (...)

Ishirahamwe ry’abunguruza abantu riragabisha abaduza ibiciro vyo kwiyunguruza

mardi 30 Rusama 2017

Bosco MINANI arongoye ishirahamwe ryo kwunguruza abantu n’ibintu mu Burundi ATRABU,avuga ko uko ibiciro vyashinzwe habaye ukuvugana hagati y’ubushikiranganji bwo kwunguruza abantu n’ishirahamwe ATRABU bitarahinduka.

Bosco MINANI amenyesha ko igiciro co kwiyunguruza gushika muri quartier ya Carama na Buterere akiri amafaranga 500 y’amarundi,mu gihe kuja mu Maramvya hafi y’ikibuga c’indege ari amafaranga 700, mu Gatumba naho bagatanga amafaranga 800 y’amarundi.

Bosco MINANI asaba uwo wese yobona uwudugije ibiciro vyo kwiyunguruza mu gisagara ca Bujumbura canke abaduga mu gihugu hagati yikitse inyuma y’ubukene bw’igitoto ko yobivuga kugira ahanwe.

Kuva hatanguye kwibonekeza ubukene bw’igitoro abunguruza abantu bamwe bamwe baraduza ibiciro vyo kwiyunguruza aho ku giciro kizwi n’amategeko bongerako amafaranga ari hejuru ya 500 n’1000 mu mafaranga y’amarundi.


MUGISHA Van Naris

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.