IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Home > Amakuru > ingendo > PSR: kubagendera mu gisagara ca Bujumbura bibujijwe kurenza ibirometero (...)

PSR: kubagendera mu gisagara ca Bujumbura bibujijwe kurenza ibirometero 40km/h

Friday 29 December 2017, by Jean De Dieu

Mu kiganiro OPC1 Roger Bankibigwira yaremesheje ku bamenyesha makuru kuruyu wa gatanu igenerezo rya 29 Kigarama, avuga ko amasanganya yabaye umurengera biturutse ku kutitwararika amategeko n’ibisabwa kugira ngo uruja n’uruza mu mabarabara rugende neza.Arongera akamenyesha ko ibikenewe kugira umutekano w’amabarabara umere neza bihari. Avuga ati «Twarakoze ibishoboka vyose kugira umutekano mu mabarabara ntuze urahungabana. Nko kubanyonga imiduga banyoye inzoga z’umurengera, ivyuma vyo kubapima (alcootest), birahari. Nayo kubatwara imiduga banyaruka, twobamenyesha ko kubagendera mu gisagara ca Bujumbura bibujijwe kurenza ibirometero 40km/h, abo mu gihugu hagati nabo ni 70Km/h»

OPC1 Roger Bankibigwira asaba abajejwe intwaro n’abanyagihugu kumenyesha igiporisi aho hose hari ikibazo, akanibutsa ko umurongo wo guhamagarako kuri nimero 118 yuguruye kugira ifashe abenegihugu.

Tubibutse ko ishirahamwe rikurikiranira hafi ibijanye n’umutekano wo mw’ibarabara (Observatoire pour la Sécurité Routière), rimenyesha ko abantu barenga 20 bitavye Imana bahitanywe n’amasanganya kuva kw’igenekerezo rya 20 Kigarama 2017.


Pacifique BUKURU

Any message or comments?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.