Accueil > Amakuru > Muri Afrika > Isoko nkuru ya Zambiya yahiye
 Isoko nkuru ya Zambiya yahiye
 Isoko nkuru ya Zambiya yahiye
				
				mardi 4 Mukakaro 2017, par
Uwo muriro watanguye mu gatondo ko kuri uwu wa kabiri wahitanye ibidandazwa nka vyose vyari muri iyo soko, kuko abajejwe kuzimya bashitse umuriro wamaze gutandukira ibibanza nka vyose.
Bamwe mu bakurikiranye isha ry’iyo soko iri mu gisagara ca Lusaka bamenyesha ko uwo muriro woba watewe n’impanuka ivuye ku ntsinga z’amatara (Court-circuit), ariko mu giporisi ca Zambiya hamwe n’abajejwe intwaro bakaba bataravyemeza.
 
Esther Katongo umuvugizi w’igiporisi ashikiriza ko amatohoza yamaze gutangura kugira icateye uwo muriro kimenyekane.
IGIHE
