IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Amakuru > u Burundi > Itegeko rigenga amafaranga Reta izokoresha mu 2018 yisunze ibisata (...)

Itegeko rigenga amafaranga Reta izokoresha mu 2018 yisunze ibisata nyamukuru vy’igihugu

samedi 16 Kigarama 2017, par Egide NDUWIMANA

Umushikiranganji Domitien NDIHOKUBWAYo yabwiye abakenguzamateka ko buryo buzokwinjira mu kigega ca Reta mu mwaka wa 2018 buzokwiyongera gushika ku miriyaridi 71,3 kw’ijana ugereranije n’uburyo bwinjiye mu mwaka wa 2017.

Umushikiranganji w’ikigega ca Reta Domitien NDIHOKUBWAYO yashikirije ko uburyo Reta izokoresha mu mwaka wa 2018 bwateguwe mu gihe havugwa ibibazo vy’ubutunzi, ku buryo ingaruka zitobura, ariko avuga ko ubutunzi bwiyongereye kuva mu myaka ibiri iheze.

Domitien NDIHOKUBWAYO yabwiye abakenguzamateka ko ico bise “gutubika uwa vubi” kizobandanya kugira uburyo buke buriho buzokore ibikorwa vy’ibisata nyamukuru, aho akavuga nk’ibijanye n’indero, umutekano, igisata c’uburimyi n’ubworozi, ibijanye n’amasoko ntanganguvu n’ibindi.

Uwo mushikiranganji ajejwe ikigega ca Reta yongeye avuga ko bimwe muvyo bashimikiyeko ari ibijanye no gushinga ibanki y’urwaruka izofasha urwaruka kurangura imigambi yarwo, aho umuriyaridi w’amarundi utegekanywa mu gushiraho iyo banki.

Ibindi bashimikiyeko, nk’uko uwo mushikiranganji abandanya abivuga, ni nk’ibijanye no kubandanya umugambi wo kuronsa buri komine imiriyoni 500 yo guteza imbere imigambi y’amakomine hamwe n’amafaranga imiriyaridi 12,5 yategekanijwe azofasha gutunganya amatora yo mu mwaka wa 2020.

Bimwe mu bibazo vyabajijwe n’abakenguzamateka ni nk’ibijanye n’ikiriko kirakorwa n’ubushikiranganji bw’ikigega ca Reta ku bijanye n’ingorane zo kubura igitoro kugira ico kibazo mu mwaka uza wa 2018 ntikizosubire kwibonekeza.

Umushikiranganji Domitien NDIHOKUBWYAO yishuye ati : “Ntaco tutakora kugira ico kibazo gitorerwe umuti, inyishu z’ico kibazo tuzironderera mu bintu vyinshi”.

JPEG - 49 ko
Domitien NDIHOKUBWAYO, umushikiranganji w’ikigega ca Reta

Domitien NDIHOKUBWAYO yongeye ati : “Ntabwo ikibazo ari ico kubura amafaranga y’agaciro gusa n’aho ayo mafaranga akenye bivanye n’imvo zitandukanye zizwi ariko hari igihe bishika ku kivuko c’i Dar Es Salaam haba guteba gupakurura ubwato buzanye ico gitoro bigatuma giteba kuza mu gihugu.”

Kuri ico kibazo nyene, umushikiranganji NDIHOKUBWAYO yamenyesheje ko atovuga ko ejo canke uno musi ata gitoro kizosubira kubura, ariko yijeje ko bazogerageza gukora ibishoboka kugira batore inyishu y’iyo ngorane.

Mu mwaka uza wa 2018, Reta y’Uburundi itegekanya kuzokoresha amafaranga angana imiriyaridi 1338,1 y’amarundi.

Iyo nteguro y’itegeko igenga amafaranga Reta izokoresha mu mwaka wa 2018 yemejwe ijana kw’ijana ku bakenguzamateka 34 bari mu ngoro y’abakenguzamateka hamwe n’abakenguzamateka 4 bari batumye.


Vianney BIKORIMANA

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.