IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Amakuru > u Burundi > Itegeko rigenga ingabire y’amadorare imiriyoni 50 yemejwe n’inama (...)

Itegeko rigenga ingabire y’amadorare imiriyoni 50 yemejwe n’inama nshingamateka

jeudi 21 Kigarama 2017, par Egide NDUWIMANA

Umushikiranganji w’ikigega ca Reta yari mu nama nshingamateka gusigurira abashingamateka imvo n’imvano y’iyo ngabire, Domitien NDIHOKUBWAYO yamenyesheje ko ayo mafaranga azofasha mu migambi y’iterambere ijanye no kwubaka amashure, amasoko, amabiro y’amakomine, gutunganya neza amabarabara hamwe no gushigikira imigambi y’abikorera utwabo.

Bimwe mu bibazo vyabajijwe, umushingamateka Denis KARERA yashikirije amakenga yiwe ajanye n’umugwi uza warashizweho uzokwirikirana ishirwa mu ngiro ry’iyo migambi kandi iyo ngabire itaremezwa n’inama nshingamateka.

Umushikiranganji Domitien NDIHOKUBWAYO yamwishuye ati : “Nta mugambi ushobora kuvuka utateguwe n’abantu, imbere y’uko iyo migambi ishikirizwa ibanki y’isi hariho umugwi w’abantu wayiteguye abo rero nibo baheza bagategura uyo mugambi umaze kwemeza n’inama nshingamateka.”

JPEG - 75.8 ko
Domitien NDIHOKUBWAYO, umushikiranganji w’ikigega ca Reta

Domitien NDIHOKUBWAYO yavuze ko iyo bishitse uwo mugambi ntiwemezwe n’inama nshingamteka igikorwa abo bategura iyo migambi bahawe gica gihagarara.

Ikindi cabajijwe n’amakenga ajanye n’ayo mafaranga ko ashobora kuba make imigambi yateguwe yose ntije mu ngiro.

Domitien NDIHOKUBWAYO yishuye ko niyo hataba ihindagurika rya cane rijanye no kuvunja ifaranga iyo migambi yose izoranguka kuko ivyigwa bivyerekana vyakozwe.

Inyuma yo gutosora utenenge turi muri iryo tegeko rigenga iyo ngabire, inama nshingamateka yaciye iryemeza ijana kw’ijana n’abashingamateka 112 ku bashingamteka 84 bari bitavye hamwe n’abashingamateka 28 bari batumye.


Vianney BIKORIMANA

Messages

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.