IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Amakuru > u Burundi > Itegeko rikura amakori n’amatagisi kuri bimwe mu bidandazwa vyinjira mu (...)

Itegeko rikura amakori n’amatagisi kuri bimwe mu bidandazwa vyinjira mu Burundi ryemejwe

mardi 2 Rusama 2017, par Egide NDUWIMANA

Reta y’Uburundi yemeje itegeko rivuga ko ibidandazwa vy’ugufungura bimwe bimwe vyinjizwa mu Burundi bitazorihishwa amatagisi n’amakori mu kiringo c’amezi atatu. Ico kiringo ni ico kuva kw’igenekerezo rya 27 Ndamukiza 2017 gushika kuwa 27 Mukakaro 2017.

Iryo tegeko nomero 1/010 ryo kuwa 27 Ndamukiza 2017 ryatanguye gushirwa mu ngiro uwo munsi nyene riterwako umukono, nk’uko biri muri iryo tegeko ryemejwe n’umukuru w’igihugu c’Uburundi.

Kw’igenekerezo rya 29 Ntwarante 2017, inama nshingamateka y’Uburundi niho yatora integuro y’itegeko rivuga ko ibidandazwa vy’ugufungura bimwe bimwe bitazorihishwa amatagisi n’amakori mu kiringo c’amezi atatu. N’inama nkenguzamateka hamwe na nshikiranganji zaremeje iyo nteguro, hakaba hari hasigaye ko umukuru w’igihugu Petero NKURUNZIZA ariterako umukono.

Umushikiranganji w’ikigega ca Reta, Domitien NDIHOKUBWAYO yabwiye abaserukira abanyagihugu ko iyo nteguro yokemezwa mu ntumbero y’ukuraba ingene ibiciro vy’ibifungurwa bikuweko ayo makori vyogabanuka, kuko kw’isoko vyari vyaduze.

Iyo ngingo y’Uburundi ifashwe inyuma y’aho inzara ivuzwe mu mihingo itandukanye y’igihugu, itewe n’umwimbu utabaye mwinshi bitewe n’ihindagurika ry’ibihe. Mu ntara zimwe zimwe haravuzwe n’abanyagihugu bahitanwe n’inzara.

Igihugu c’Ubushinwa caheruka gutanga ku gihugu c’Uburundi, imfashanyo igizwe n’amatoni 5262 y’umuceri, iyo mfungurwa ikaba yahawe abanyagihugu bo mu ntara zisinzikajwe n’inzara, nk’uko vyashikirijwe na Reta y’Uburundi.


IGIHE

Messages

  • aho nyaguhezagigwa na rurema twari twarenzwe nibiciro none ga muzehe ntakuntu vyobandanya no muyandi mezi ntiwoba ukoze cane imana iguhangaze hejururu yuburundi nabarundi

  • Jewe Ndashimye Iyongingo Yogukura Taxi Kufungugwa Zimwe None Ko Atari Vyosi Ibitarimwo Nivyahe?Mwotubwira

  • Mbanje Kubashimira Imana Ibahezagire Abafashe Iyongingo Komutatumenyesheje Ibifungurwa Vyakuweko Amatagisi Ngo Tubimenye? Mwobitumenyesha Mwoba Mukoze Cane.

  • Wamugayidiwe Sweranyoko Ivyowa Subijinyuma Binganiki Urwanda Rugufashije?

  • Kubera intwaro mbi y’icaduka ya DD : La ville de Bujumbura est devenue pour de vrai la croisee des chemins:
    1.umurongo wabatondeye bus parking nord uhurira kuri poste cank lumitel n’umurongo wabatondeye umukate kwa simbare ;
    2. Umurongo wabatondeye permis de conduire biométrique uhurira kuri ffb n’umurongo wabatondeye igitoro kuri station novotel ;
    3.umurongo wabatondeye ama unités ya cashpower regideso uhurira muri rond point nabatondeye igitoro muri station novotel encore ;
    4. Umurongo wabatondeye usukari kuri ideal cank kuri alimentation du midi ugahura n’abarondera bus za gasenyi, gihosha, mirango, kamenge,....
    5. Abadandaza isukari be n’abadandaza ama dollars et autres devises étrangères, ntawukibatandukanya n’abadandaza drogues kuko bose bariyoberanya baguha bakuzi kandi mwibanga ryinshi.
    Quid hamwe hogira uwutanga itegeko ati: rompez les rangs mwibaza ko vyogenda gute ? Jewe nibaza ko uwobirabira hejuru yokwibaza ko bujumbura s’est transformee en tour de Babel.

  • EREGA NUBU INZARA NINYISHI MURARABA NTITUBAPFANE

  • mbanze nsabe nshimitse banyene ururubuga ko boreka iciyumviro canje kikarengana kuko ndabona bareka n’abatukana batanga ivyiyumviro vyabo bikarengana.siko none?
    aha rero ndashaka ku bwira nkurumbi hamwe nakariya kagwi kinkora bara barikumwe. babanze barebe irya mirongo itonze ibirometero n’ibirometero ngo barindiriye igitoro ......ubwo n’abarondera isukari nabo nuko....ariko nkurumbi we ntaco abuze ariko abarundi isinzi ngira ngo barabona uko icyibazo giteye??? ndabasaba ko bahaguruka, bagasidukana niyonka bakiyamiriza uriya mu menja ngira ntabona akaga beneburundi barimo. ngejeje aho.

  • mbanje gushimira abafashe iyo ngingo nn ivyobifungurwa bakuyeko tax nivyari vyose konzi ibifungurwa arivyishi nasaba ko bobitubwira ubwoko bwavyo murakoze

  • ikibazo si amakori ninda ndende zabatwara igihugu niyo bokura amakori abanyagihugu ntamahera bafise hazosuma aba dd gusa bayivye nimbonerakure bayagabura.

  • ego mwagize neza ariko bansumirinda no ntibabuze

  • None Kotubona Ibifungurwa Bitakorotse Nikubera Ik?

  • nibicirovyogabanukanatwetukaguratutidoga

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.