IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Amakuru > u Burundi > Kaminuza mpuzamakungu yitiriwe uburongozi bwiza yasohoye imfura

Kaminuza mpuzamakungu yitiriwe uburongozi bwiza yasohoye imfura

samedi 23 Ntwarante 2013

Ku musi wa gatanu igenekerezo rya 22 Ntwarante, Kaminuza mpuzamakungu yitiriwe Uburongozi nyabwo yaratanze impapuro z’umutsindo « master». Mu barundi n’abanyamahanga 8 batsinze, harimwo Bamvuginyumvira Frédéric yabaye ubwa mbere icegera ca mbere c’umukuru w’igihugu c’Uburundi.

JPEG - 58 ko

Ntivyari vyoroshe mw’ihoteri King’s Conferene center. Ukirengutse mu rwinjiriro rw’inyubakwa y’amakoraniro, wabona abantu bavyagiye imbere bashajije. Uretse umushikiranganji Butore Joseph aramutswa inyigisho muri kaminuza n’ubushakashatsi, abandi bari bambaye umwambaro wo ku misi yo gutsinda amashure . Bari abashitsi b’iteka bavuye mu mihingo itandukanye y’iisi, harimwo n’abigisha muri iyo kaminuza.

Abafashe amajambo bose bahurije ku karusho kadasanzwe k’iyo kaminuza yigisha mu congereza, kandi igatanga ubumenyi mu bisata vyigisha gutunganya ivy’igihugu.
Umushiranganji Butore yamenyesheje ko ahimbawe na cane ko bigisha mu rurimi rw’icongereza, rusanzwe rukoreshwa mu muryango w’ibihugu vya Afrika y’Ubuseruko. EAC.

JPEG - 65.9 ko

Yaravuniye akagohe abarongozi b’iyo kaminuza, ngo barikanure mu gutanga amanota, ntihagire uwurya ivyo atabiriye akuya. Ayandi makaminuza na yo ngo yoyifatirako akarorero.

Abashikirijwe izo mpapuro z’imitsindo bava mu bihugu bitandukanye nk’ Uburundi, Ubuhindi, Kongo n’ahandi.


Juste Bigirimana

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.