Accueil > Amakuru > u Burundi > Kayanza : Abantu batatu bafatanwe ubutare bari batwaye mu Rwanda
Kayanza : Abantu batatu bafatanwe ubutare bari batwaye mu Rwanda
samedi 7 Gitugutu 2017, par
Abo bafashwe ni NSABIMANA Patrice w’imyaka 30, MANIRAKIZA Domitien w’imyaka 20 hamwe na HAVUGIMANA Gerard w’imyaka 44. Mu giporisi bamenyesha ko bose uko ari batatu bapfungiwe mu gasho ka komine Kabarore, ku mvo z’amatohoza.
Uwundi mugabo umwe w’imyaka 26 azwi kw’izina rya Banderembako Gilbert yafatiwe ku musozi Camika, komine Vumbi, mu ntara ya Kirundo, afise ibiro 42 vy’ubutare bwa Wolframite. Nawe nyene apfungiwe mu gasho ka komine Kirundo ku mvo z’amatohoza.
Egide NDUWIMANA