IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Amakuru > Muri Afrika > Kenya : Abanyeshure 5 n’umukozi w’ishure 1 bishwe mu gitero

Kenya : Abanyeshure 5 n’umukozi w’ishure 1 bishwe mu gitero

samedi 14 Gitugutu 2017, par Egide NDUWIMANA

Amakuru ava aho muri Kenya amenyesha ko umwe mu bakoze ico gitero ari umunyeshure yahora yiga kuri iryo shure imbere y’uko yirukanwa ku makosa yo kurwana n’uwundi munyeshure.

Ayo makuru abandanya avuga ko abo bateye baje mw’ijoro binyegeje, barasa umurinzi kugira babone kwinjira.

Abateye barashe abanyeshure b’abahungu 5, bafata ku nguvu abakobwa 2 bongera bakomeretsa abandi 18.

Mwomenya ko ishure Lokichogio riri hafi y’urubibe Kenya ihana n’igihugu ca Sudani y’epfo hamwe n’igihugu ca Etiyopiya. Abantu bagwiriyemwo abungere bo muri ako gace bitwaza inkoho iyo baragiye.


Vianney BIKORIMANA

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.