IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Amakuru > Muri Afrika > Kenya : Abaporisi icenda baguye mu mutego w’abakora iterabwoba

Kenya : Abaporisi icenda baguye mu mutego w’abakora iterabwoba

jeudi 25 Rusama 2017, par Egide NDUWIMANA

Muri abo icenda, batanu ni intwazangabo mu giporisi ca Kenya, imodoka barimwo ikaba yaciye ku gisasu igeze ahitwa i Fino.

Muri Garissa naho, abaporisi bandi bane (Agents de la police) nabo nyene bahitanwe n’igisasu imodoka barimwo yaciyeko, babiri mubo bari kumwe barakomereka.

Ubushikiranganji bw’intwaro yo hagati mu gihugu ca Kenya bwamenyesheje ko biboneka ko abigizi ba nabi b’abihevyi bagihari muri ico gihugu, bagasaba abanyagihugu ba Kenya ko batokwijajara.

Igihugu ca Kenya cagiriza abarwanyi ba Al Shabab ko aribo bateze ivyo bisasu vyahitanye abaporisi b’ico gihugu.

Abajejwe umutekano muri Kenya bavuga ko bagiye kubandanya ibikorwa vy’ukurondera hamwe n’ukurwanya abakora iterabwoba muri ico gihugu.

Ico gitero kibaye inyuma y’umunsi umwe gusa, Joseph Boinnet, umugenduzi mukuru w’igiporisi ca Kenya agabishije ko abarwanyi ba Al Shabab bakora iterabwoba binjiye muri Kenya, kandi bariko bategura ibitero.


Egide NDUWIMANA

Messages

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.