IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Amakuru > umutekano > Kenya : Abarundi bafashwe bagiye kwinjira muri AL-SHABAAB bapfungiwe i (...)

Kenya : Abarundi bafashwe bagiye kwinjira muri AL-SHABAAB bapfungiwe i Nairobi

samedi 16 Nyakanga 2017, par Egide NDUWIMANA

Nk’uko bivugwa na Remy Barampama aserukira Uburundi mu gihugu ca Kenya, impupuro z’inzira z’abo barundi bane bafashwe zerekana ko umwe muribo ava muri zone ya Kinama mu gisagara ca Bujumbura, babiri muri zone ya Buyenzi igisagara ca Bujumbura nyene, uwa kane akaba ava mu ntara ya Gitega. Bose bariyemereye ko bari bagiye kwinjira mu barwanyi b’umurwi wa Al-Shabab.

Uwo aserukira Uburundi muri Kenya avuga ko mu matohoza ariko arakorwa kuri abo bantu, harimwo ukumenya abari kubafasha kwinjira muri uwo murwi w’iterabwoba, hamwe n’ukumenya abandi bari inyuma yabo.

Abo barundi bane bafatiwe ahitwa Isiolo mu gatondo ko ku munsi wa kabiri, mu gihugu ca Kenya, mu gihe bari mu rugendo rwobashikanye mu gihugu ca Somaliya.

Mu giporisi ca Kenya bamenyesha ko abo barundi baje bava i Bujumbura, bakaba binjiye muri ico gihugu ca Kenya bavuze ko ari ingenzi (Touristes) zije kugendera ico gihugu, ariko mu nyuma bafatwa nk’igihe c’isaha cumi z’ijoro bariko bagerageza kwinjira mu gihugu ca Somaliya.

Abafashwe ni Ntakarutimana Bernard w’imyaka 41, Niyongere Yusuf w’imyaka 32, Nshimirimana Fulgnce Shadady w’imyaka 31 hamwe na Bizoza Abderauf 20. Bose bari mu minwe y’igiporisi ca Kenya.


Egide NDUWIMANA

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.