IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Amakuru > Muri Afrika > Kenya : Abigisha batatu bishwe barashwe n’abarwanyi ba Al-Shabab

Kenya : Abigisha batatu bishwe barashwe n’abarwanyi ba Al-Shabab

vendredi 16 février 2018

Amakuru dukesha iradiyo y’abongereza BBC avuga ko ico gitero cabereye kw’ishure riherereye mu ntara ya Wajir inyuma y’igihe c’isaha zitandatu zo mw’ijoro buca ari kur’uyu wa gatanu igenekerezo rya 16 Ruhuhuma 2018.

Ayo makuru avuga ko mu bapfuye harimwo umugabo hamwe n’umugore wiwe barashwe.

Kuva habaye igitero kuri Kaminuza ya Garisa abanyeshure bashika 150 bakicwa,Reta ya Somariya yashishikaye irondera abigisha boza gukorera mur’ivyo bice bihana urubibe n’igihugu ca Somariya.

Ico gitero kibaye mu gihe hari haheze hafi ikiringo c’indwi abarwanyi b’umurwi wa Al Shabab bagerageje gutera ikambi y’igiporisi iherereye mur’ako gace ko mw’iyo ntara ya Wajir.


BIKORIMANA Vianney

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.